East Africa Newshomepagekirundi

I Mahama Impunzi z’abanye Congo zasubiriye iz’Abarundi

 

Impunzi z’abarundi ziri mu gihugu kibanyi c’Urwanda, neza neza mu karere ka Kirehe ahitwa Mahama zigiye kubana n’impunzi z’abanye-congo zahora mu mw’ikambi ya Kigeme.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Igihe avuga ko kuri uyu wa kabiri ariho himuwe imiryango 90 y’abanye congo,irimwo abantu 620, abandi bazoca bimurwa mu ndwi iza.

Izo mpunzi z’abanyecongo zikaba zimuriwe muri iyo kambi y’impunzi kuko impunzi z’abarundi zitari nke ziriko ziratahuka mu gihugu cazo, noneho ngo ikibanza kikaba gica kiboneka.

Aha mukamenya ko iyo kambi y’impunzi ya mahama iri mu makambi yarimwo abantu benshi muri ico gihugu, ikaba yabamwo abarundi gusa imbere yuko abo banye congo bimurwa. Impunzi z’abarundi kandi zikaba arizo nyinshi Urwanda rufise gushika ubu, kuko zirenga ibihumbi 70, ku mwanya wa kabiri hakaba haza abanye congo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755