BurundiBusinessDevelopmentDiasporadiaspora promotedEconomyFinanceshomepageIKIRUNDI_news

Ibanki y’abarundi bakorera mu mahanga BUDG Bank igiye kubona izuba

Imiriyaridi 12 z’amafaranga y’amarundi nizo zikenewe kugira ibanki y’Abarundi bakorera mu mahanga BUDG Bank (Burundian Diaspora Gateway Bank) ibone izuba.

Ivyo ni ibishikirizwa na Fabrice Manirakiza arongoye umurwi w’abarundi bipfuza gushinga iyo banki mu ruganda batunganije kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 3 Nyakanga 2021 mu ntumbero yo gutanguza icese ibikorwa bijanye no kwegeranya imitahe ikenewe kugira uwo mugambi ubone kuja mu ngiro.

Fabrice Manirakiza amenyesha kandi ko uwo mugambi utumuriwe uwariwe wese yaba akorera mu mahanga canke mu gihugu.

Nayo mu bisata iyo banki izokwitaho gusumba ibindi harimwo ugushigikira imigambi miremire projets à long terme, ugushigikira imigambi ijanye n’inyubako, ugushigikira imigambi ijanye n’amahinguriro (industrialisation et transformation), igisata kijanye n’indero, ubuhinga bwa none n’ibindi.

Mwomenya ko action imwe igurwa amafaranga 1.200.000Fbu, abipfuza kwiyandikisha bashobora kwakura kuri +257 68814704 canke +61404428512 canke mukarunguka ubutumwa-muravyo kuri budgbank.info@gmail.com.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 731