BurundiCooperationDiplomacyhomepagekirundiPolitique

Ibi nivyo Reta isaba aserukira ibihugu vyabo mu Burundi n’amashami ya ONU

Reta y’Uburundi isaba abaserukira ibihugu vyabo hamwe mu Burundi hamwe n’amashami y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi kugira ico bakoze kugira Uburundi bukurwe ku rutonde rw’ibihugu vyama vyigwa na ONU.

Ako ni akamo gaterwa n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Albert Shingiro mu nama yaraye abagirishije kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 8 Gitugutu 2020.

Umushikiranganji Albert Shingiro yaboneyeho kandi guhamagarira abo baserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’amashami y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU gushigikira umugambi w’igihugu w’iterambere, PND.

Yabasavye kandi kwubahiriza amategeko n’amateka agenga imigenderanire yateweko igikumu i Vienne mu gihugu ca Autriche hamwe n’amategeko y’Uburundi mu gutunganiriza abarundi bakora mu mashirahamwe yabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768