BurundiEnvironnementhomepagekirundisociete

Ibibanza bizokwimurirwamwo abatewe n’amazi mu Gatumba vyamaze kuboneka

Urwego rw’igihugu rujejwe gukinga impanuka rufadikanije n’ubuyobozi bukuru bujejwe gutunganya ibisagara rumenyesha ko ibibanza vyo kwubakamwo amazu bigera kw’ijana na mirongo itanu bimaze gutegekanywa, ahitwa Buhomba muri zone Maramvya muri komine Mutimbuzi.

Bishikirizwa na CP Anicet Nibaruta arongoye urwo rwego aho ashikiriza ko ivyo bibanza bizokwimurirwamwo abanyagihugu baba mu ma karitiye ya Mushasha ya mbere n’iya kabiri hamwe na Gaharawe batewe n’amazi ya Rusizi, muri zone Gatumba.

CP Anicet Nibaruta, amenyesha kandi ko ivyo kwimura abandi bo mu bindi bice nka Kanyenkoko mu Rumonge bizobanza kwigwa neza n’urwo rwego.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765