Entertainmenthomepagekirundi

Ibihangange mu Burundi bagize ico bavuga ku muhisi Leonard Niyomwungere

Abarundi batari bake barababajwe n’urupfu rw’umuririmvyi akomeye wa hano iwacu, ariko yarasanzwe muri kino gihe abarizwa mu gihugu ca Canada, Leonard Niyomwungere. Bikimenyekana, abarundi batari bake barashize ku mbuga ngurukanabumenyi ubutumwa bwo gushikiriza uko biyumva muri kino gihe. Twashimye kubazanira abo twabashije kubona ico bashikirije kuri urwo rupfu.

Umwe mu bagize ico bashikiriza ni Dijay Jackson yigeze kuba manager wa Sat-b aho yamenyesheje indirimbo zitandukanye z’uwo muririmvyi zigeze kuba nk’ururirimbo ruhayagiza igihugu (hymne National) igihe kitari gito. Ariko aca agirako agereranye indirimbo nk’inkoho, nayo amajambo abamwo nk’insasu.

Umuririmvyi akaba n’umuhinyanyuzi Jeremie Hakizimana abarizwa mu bubirigi nawe akaba ayavuze ko ataravyemera ko arivyo ko yabavuyemwo, ngo akeneye icemezo. Ariko aca yongerako ko afise vyinshi amwibukirako.

Ndabasavye mumbwire yuko ibi bintu atarivyo Willy Leonard Niyomwungere vya kweli yitavye Imana??? Ayo niyo majambo yakoreshejwe n’umuririmvyikazi Ednaky Nakael ku rubuga rwiwe rwa Facebook, aho ayo majambo yayakurikije utu Emoji tw’umutima usadutse hamwe n’utwo kubabara.

Nyamurangwa Fanny benshi bazi nka Dj Fanny ari nawe nyene DFTV 257 nawe ntiyaretse kugira ico ashikiriza, aho yagize ati: “R.I.P Leonard Niyomwungere uburundi turabuze kabisa umuririmvyi yaririmvye indirimbo zakunzwe cane nka Yozefu Abantu Egiputa n’izindi.

Kaka Boney kuva muri Amerika nawe ntiyaretse kugira ico ashikiriza aho yakoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook avuga ati Urupfu rwa LEONARD NIYOMWUNGERE biragoye kurwihanganira.

Tity Thierry asanzwe aririmba indirimbo za Gospel nawe yavuze ati: “Umuryango w’abaririmvyi mu Burundi urahekuwe na COVID 19: uyu mugera uhejeje guhitana umuririmvyi Leonard Niyomwungere, yarasigaye yaba muri Canada akaba yamuka mu Burundi. Inkuru zimwe zivuga ko Coronavirus imuhitanye yari yarasimbiye muri Malawi gutembera mu vyashara.”

Mt Number one nawe yakoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook mu kugira ico amuvuzeko aho yagize ati: “R.I.P legend mwese mumuzi kw’izina rya Niyomwungere Leonard mu ndirimbo nka Abantu, Nzosenga Jehova… akaba ngo yahitanywe n’ikiza ca Coronavirus Mana dutabare.”

N’abandi barundi batari muvy’umuziki ntibaretse kugira ico bamuvuzeko aho ni nka Nininahazwe Pacifique aho yavuze ko uwo muririmvyi yarazi kwandika neza, kuko inkuru zo muri bibiliya ngo yabasha kuzijanisha n’ubuzima busanzwe bwa misi yose. Agakebura abantu ariko atabakomeretsa.

Uwundi muntu yabashije kugira ico ashikiriza n’umunyepolitique Adrien Rugambarara aho nawe yamenyesheje ko umuryango w’abanyamuziki mu Burundi ubuze umuntu akomeye cane, ngo wabuze inking ikomeye.

Na Bobona iyo ari mu butariyano nawe ntiyaretse kugira ico avuga kuri uwo muririmvyi yagiye abantu bakimukeneye, aho nawe yamusabiye ko Imana yomwakira mu Bwami bwayo.

Abo bose bakaba babishikirije inyuma yaho hamenyekaniye ko uwo muririmvyi yahitanywe n’ikiza ca COVID-19 aho yari muri Malawi, ariko akaba yarasanzwe aba muri Canada.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769