BurundiCooperationhomepagekirundi

Ibihano Uburundi bwafatiwe ngo bishobora gukurwaho imbere y’uko umwaka uhera

Ibihano umuryango w’ibihugu vya Buraya wafatiye Uburundi kuva mu mwaka w’2015 ngo birashobora kuvanwaho imbere y’uko uyu mwaka turimwo urangira.

Ivyo ni ibishikirizwa n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Albert Shingiro, akaba yabishikirije kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2021, inyuma y’inama yabereye kuri Hotel Club du Lac Tanganyika yahuje abaserukira mu Burundi ibihugu bigize umuryango wa Buraya barongowe na Claude Bochu, aserukira uwo muryango mu Burundi hamwe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu.

Albert Shingiro avuga kandi ko muri iyo nama bemeranije gusubira kuzobonana mu kwezi kwa Ruheshi uwu mwaka, inyuma y’uko uwo mushikiranganji abanza agaheza kugendera ivyo bihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768