East Africa NewsHealthhomepagekirundi

Ibihugu bigize umuryango EAC bihamagarirwa gushigikirana muri kino gihe ca coronavirus

Abakuru b’ibihugu bane bo mu bihugu bigize umuryango w’akarere ka Afrika y’ubuseruko baherutse kwumvikana ko ibihugu bigize uwo muryango vyoshiraho uburyo bwo gupima no gusabikanya ivyavuye mu bipimo vyakozwe ku mugera wa covid-19.

Mu nama yabahuje biciye ku buhinga bwa none abo bakuru b’ibihugu arivyo Kenya, Urwanda, Ubuganda na Sudani y’epfo, basavye ko ibihugu bigize uwo muryango  vyobandanya bishigikira uburimyi n’ubworozi muri iki gihe uwo mugera wagisibije kw’isi kugira ngo bishobore kuba birasubirira ivyahora bikurwa hanze y’igihugu.

Iyo nama yari irongowe n’umukuru wigihugu c’Urwanda nk’uko biri mw’itangazo risozera iyo nama. Ibihugu vy’Uburundi hamwe na Tanzaniya bikaba bitashoboye kwitaba iyo nama.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756