homepagekirundiMovies

Ibiraje ishinga AJ Agence nuguteza imbere abanyempano

Ni ishirahamwe rimaze imyaka itanu ririko rirangura ibikorwa n’urwaruka mu kubafasha guteza imbere impano zabo.

Muri iyo myaka yose itanu uko umwaka utashe bagiye barategura ihiganwa ry’aba Miss naba Master mukwerekana ubushobozi bwabo abatahanye ikibanza ca mbere bakaronswa ubushimwe.

N’ubwo bataramenya neza igenekerezo nyezina ukwezi ni Ruhuhuma 2023 hagiye kuba Edition igira 4 Fashion Burundi.

Ukuntu bizoba bitunganijwe bazobitumenyesha hanyuma, ivyo bikaba babishikirije igenekerezo rya 18 Gitugutu2022 mu kiganiro bari bahamagaje abanditsi n’abamenyeshamakuru.

AJ Agence barashima uko babandanya batera imbere ubu bafise audio na Video ubu abaririmvyi n’abakina amareresi bagiye kubafasha uko botera imbere mu gutegura amahiganwa yabo hama abazofata ikibanza ciza bakazoca bakorana mu buryo bw’amasezerano.

Vuba ngo bazotumenyesha neza ibikorwa nyezina bagiye gukorera abaririmvyi n’abakinyi b’amareresi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755