BurundiCooperationDiplomacyhomepagekirundiPolitique

Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi bigiye kwugarwa

Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi bizokugarwa guhera kw’igenekerezo rya 31 Kigarama uno mwaka turimwo. Ivyo ni ibiri mu rwandiko Reta y’Uburundi yandikiye umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe mpuzamakungu Antonio Guterres.

Muri iryo tangazo nyene Reta y’Uburundi imenyesha ko kuva ikiringo ca Michel Kafando, intumwa idasanzwe ya ONU, kirangiye kw’igenekerezo rya 29 Munyonyo 2019, ivyo biro vyagumye bihari ata masezerano n’Uburundi kandi atawasubiriye Michel Kafando.

Reta y’Uburundi imenyesha ko ifatiye ku kuntu amatora yagenze ngo bta gusata kiraba ivya poritike mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kigikenewe mu Burundi, yamara igikenewe ngo ni ikiraba ivy’imibano n’ubutunzi kugira gifashe igihugu.

Ivyo biri uko, mu gihe mu cegeranyo c’iryo shirahamwe mpuzamakungu co ku wa 10 Munyonyo uno mwaka, bari basavye ko ivyo biro vyongerwa ikiringo gushika mu mpera z’umwaka w’2021.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 767