BurundihomepagekirundipoliticsPolitique

Ibirori vyo kwibuka imyaka 59 irangiye umuganwa Rudoviko Rwagasore agandaguwe

Imyaka 59 irarangiye umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore yahabuje intahe y’ukwikukira agandaguwe, hari kuwa 13 Gitugutu umwaka w’1961.

Ku rwego rw’igihugu, Ibirori vyo kumwibuka bikaba vyatangujwe n’inkuka ya Misa yabereye kuri Paruwase Mikaheli Mweranda mu gisagara ca Bujumbura aho vyari vyitabwe n’abategetsi batandukanye uhereye kuri Kizigenza Perezida Evariste Ndayishimiye ari kumwe n’umutambukanyi wiwe, umukuru w’inama nshingamateka Gelase Daniel Ndabirabe, abashikiranganji, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’abandi banyacubahiro batandukanye.

Mw’ijambo ryiwe, Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yagize ati : “Dushire inguvu hamwe mu gukorera mu makoperative. Tuzoba tugendeye mu makanda y’Iragi ryiza dukesha Umuganwa atari Umugani Rudoviko Rwagasore, gutyo dutere imbere kandi dusige izina ryiza mu miryango yacu no mu gihugu cacu ciza c’Uburundi.”

Inyuma y’inkuka ya Misa, ibirori vyaciye bibandaniriza ku ntatemwa y’umuganwa Rudoviko Rwagasore, aho inyuma y’ukuhashira ingori z’amashurwe, abari aho baciye bumviriza ijambo yashikirije igihe umugambwe wiwe UPRONA wari utahukanye intsinzi mu matora yo kw’igenekerezo rya 19 Nyakanga 1961, ijambo rihagaze ahanini ku butungane kuri bose hamwe no kugwanya ibiturire.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764