BurundiÉnergiegroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundi

Ibitigiri vy’abigeme hamwe n’abatwa ngo vyabaye bike cane

Imikangara igera ku 577 igizwe n’abasore n’abigeme batarenza imyaka 25 nibo bazindutse kuri uyu wa mbere mu gihugu cose bakora ikibazo kibaha uburenganzira bwo kwinjira mw’ishure kaminuza ry’intwazangabo ISCAM.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba Floribert Biyereke amenyesha ko ico kibazo cakorerewe mu bigo 18 mu gihugu cose.

Floribert Biyereke amenyesha yamara ko abigeme barenga 50 aribo biyandikishije, igitigiri avuga ko ari gito ugereranije uko biyandikisha mu myaka iheze, eka n’abatwa ngo ntibashoboye kwitabira ako kamo aho ku rwego rw’igihugu ngo hiyandikishije abatarenga batatu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765