homepagemusicPassport

Ibura ry’Uburyo ryoba riri mu vyasonze umuhisi Bruno Simbavimbere

Hampande y’ibiguma n’ububabare bwa cane, ngo ibura ry’uburyo naryo ryoba riri mu vyasonze Bruno Simbavimbere, akitaba Imana.

Bruno simbavimbere benshi bazi nka Member yitavye Imana kui uyu wa gatanu inyuma y’imisi arwariye mu cumba c’indembe ku bitaro vyitiriwe umwami Khaled mu Kamenge.

Amakuru dukesha abamwegereye avuga ko uwo mutware yobazwe kuri uyu wa kane, ariko bikaba vyarasivye. Amakuru dukure muri bamwe mu begereye uwo muryango avuga ko ico gikorwa coba casivye kubera kibazo c’uburyo, naho hari abaheruka kugira ico batanze.

Ayo makuru nyene akaba avuga ko umuhinyanyuzi Jeremie, umuririmvyi kaka Boney hamwe n’abandi boba bariko baregeranya uburyo bwomufashije kugira yivuze, ariko bukaba butari bwashike.

Imbere y’izo nararibonye zariko zikora ibishoboka vyose ngo zimufashe, umuririmvyikazi natacha yaheruka gutanga ayangana n’umuliyoni w’amarundi kugira agire ico amufasha, kuko aho yari ibintu vyose babiriha 100%.

Mwokwibuka ko umuhisi yaheruka gukomeretswa n’abagizi ba nabi, aho bamutemaguje imipanga bamusanze hampande yaho aba mu kibenga. Abo bagizi ba nabi bakaba bataramenyekana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 692