BurundiEnvironementhomepagekirundisecuritysociete

Ico abarundi bozirikana mu guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ibiza

Umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ibiza ngo ni akaryo ko guhimiriza abanyagihugu gukinga ibiza vyobangamira ubuzima bwa kiremwa muntu, ubutunzi hamwe n’ibidukikije.

Ivyo ni ibiri mw’itangazo ry’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati, iterambere rusangi n’umutekano, bwashize ahabona kuri uno wa kane, igenekerezo rya 8 Gitugutu 2020, mu kwifatanya n’amakungu yama ahimbaza uwo munsi kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu uko umwaka utashe.

Mu Burundi, uwo musi uhuriranye no kwibuka igandagurwa ry’incungu y’Uburundi, Umuganwa Rudoviko Rwagasore, ukazoca uhimbazwa aho bukera ku musi wa gatanu igenekerezo rya 9 Gitugutu i Nyeshenza mu ntara ya Cibitoke.

Muri iryo tangazo, Gervais Ndirakobuca avuga ko uwo munsi uhimbajwe ng’aha mu gihugu ndetse no mu makungu hahitiye ibiza vyahitanye ubuzima bw’abantu. Amenyesha kandi ko ari umunsi wo kwirimbura ku vyaranguwe mu gukinga ibiza hamwe no kuraba icokorwa muri kazoza kugira ngo bikingwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765