BurundiDevelopmenthomepagekirundi

Icokorwa kugira ikibazo c’abana bo mw’ibarabara gitorerwe inyishu

Ku mvo z’uko abana bo mw’ibarabara basubizwa mu miryango yabo bakongera bakagaruka kandi muriryo, umushikiranganji wo gushigikirana, Imelde Sabushimike, amenyesha ko bagomba kuzobanza kuja kugira amatohoza bamenye icoba caratumye umwana ava mu muryango, hanyuma asubizwe iwabo ari uko ico kibazo gitorewe umuti.

Mu nama yaraye akoranye n’abakora muri ubwo bushikiranganji yo kurabira hamwe ivyranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mezi atandatu aheze, umushikiranganji Imelde Sabushimike yamenyesheje ko uwo mugambi wateguwe, akizeza abenegihugu ko ushobora kuzoja mu ngiro mu misi mike iri imbere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768