BurundiCooperationHealthhomepagekirundi

Igihugu c’Ubushinwa caraye gihaye Uburundi ibikoresho mu ntumbero yo kurwanya Covid-19

 

Umushikiranganji ajejwe kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida, Thaddée Ndikumana yarakiriye kuri uyu wa kane igenekerezo rya 4 Ruheshi 2020 imitekero 4 y’ibikoresho, imfashanyo yihuta itanzwe n’igihugu c’ubushinwa mu ntumbero yo kurwanya umugera wa Covid19 mu Burundi.

Nkuko vyashikirijwe n’uwuserukira ico gihugu c’ubushinwa mu Burundi M. Li Changlin, muri iyo mitekero 4 (lots), 2 yatanzwe n’igihugu c’ubushinwa, 2 yindi nayo itangwa n’ikigo Jack MA. Ikaba igizwe n’udukingirizo two k’umunwa bakoresha mu gukora abantu (Masques chirurgicaux) n’ibindi bikoresho vyinshi vyankenerwa vyo kwa muganga harimwo imyamabaro yo kwikingira, ibifuka ibirato, udukoresho dupima ubushuhe n’ibindi.

Yamenyesheje ko igihugu c’ubushinwa arico gihugu ca mbere cahuye n’umugera wa Covid19, ariko kubera inguvu no kwitanga kw’ababa muri ico gihugu bose, ubushinwa bwashoboye kurwanya ico kiza ca Coronavirus.

M. Li Changlin yasubiye kumenyesha ko Uburundi hamwe n’igihugu c’ubushinwa bizobandanya bisangira akabisi n’agahiye mu bihe bitandukanye, yongera ashima intambwe Uburundi buriko buratera mu gukingira uwo mugera. Yamenyesheje ko udufukamunwa (masques) twarungitswe n’intara ya Qinghai (intara ikunze kurungika abaganga mu Burundi) buri mu nzira ndetse vuba ko buzoshika i Bujumbura.

Umushikiranganji Thaddée Ndikumana yarashimiye cane igihugu c’ubushinwa kuri iyo mfashanyo, yongera amenyesha ko ari umwanya mwiza wo kwigina ubucuti ivyo bihugu bifitaniye kuva mu mwaka wa 1963.

Iyo mfashanyo ikaba izofasha igihugu c’uburundi kubandanya kirwanya congera gikinga uwo mugera wa Covid19.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768