homepagekirundisecurity

Igiporisi cerekanye inkozi z’ikibi zagirizwa ubugizi bwa nabi butandukanye

Igiporisi c’Uburundi cerekanye inkozi z’ikibi zine zagirizwa gukora ubugizi bwa nabi butandukanye bari basanzwe bari mu murwi umwe n’abandi bagizi ba nabi babiri baheruka gupfa bahitanywe n’amasasu y’abaporisi mu gihe bari bagiye kwerekana inkoho bakoresha baca bashaka kuyirasisha abaporisi ariho abaporisi baciye bivuna gutyo abo basuma baca baritaba Imana.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza Pierre Nkurikiye avuga ko mu gihe abo bagizi ba nabi bashaka kwerekana iyo nkoho bakoresha mu bugizi bwa nabi bashatse kuyihindukiriza ku baporisi nabo baca barivuna abagizi ba nabi babiri aribo Bigirimana Rénovat hamwe na Ndayisaba Hypolithe baciye bahasiga ubuzima.

Pierre Nkurikiye yagize ati : “Bahejeje kuyerekana bashatse kuyihindukiza ku bajejwe umutekano kugira babice nkuko bari bishe abandi baporisi ba mbere ariko abajejwe umutekano baciye bivuna abo babiri baca barahasiga ubuzima hamwe n’abandi bane baciye bafatwa bagiye barakorana n’izo nkozi z’ikibi zibiri.”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755