BurundiCooperationDevelopmenthomepagekirundi

Igiporisi c’Uburundi kigiye kwubakirwa ibitaro vy’akataraboneka

Kuri uno wa mbere igenekerezo rya 2 Kigarama 2019, umushikiranganji w’umutekano gukinga no gutabara mugihe c’isibe n’ibiza, Alain Guillaume Bunyoni yateye umukono kumasezerano yo kuzokwubaka ibitaro vy’akarorero vy’abajejwe umutekano Hôpital de la Police Nationale du Burundi, HPNB.

Ivyo bitaro bizokwubakwa n’ishirahamwe ryo mu Bushinwa, China Machinery Engineering Corporation (CMEC) bikazotwara uburyo burenga imiriyoni ijana z’amadorari y’abanyamerika, bikazohora vyakira ahanini abajejwe umutekano hamwe n’imiryango yabo.

Ibirori vyo gutera umukono kuri ayo masezerano bikaba vyari vyitabwe n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta Domitien Ndihokubwayo hamwe na Li Changlin asanzwe aserukira igihugu c’Ubushinwa aha mu Burundi.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 771