HealthhomepagekirundiWorld News

Igisagara kimwe mu butariyano cugawe, nka Wuhan mu bushinwa

Uko imisi ihera niko abantu bagwaye ikiza ca COVID 19 babandanya bagwira kw’isi, kuko mu mezi 2 gusa abamaze kugwara bamaze kurenga 1,500,000 nayo abo kimaze guhitana bo bakaba bamaze kurenga 65,000.

Mu butariyano kimwe mu bihugu bibabaye cane kubera ico kiza, hakaba hari kimwe mu bisagara vyafatiwe ingingo nk’izafatiwe Wuhan mu bushinwa. Uno musi akaba ata wusohoka canke ngo yinjire muri ico gisagara.

Imvo n’imvano y’ukwo gupfungiranwa indani, abajejwe amagara y’abantu bakaba bavuze ko ari kubera igitigiri c’abafashwe n’iyo ngwara muri ico gisagara ari benshi cane, bakaba batanguye gupima abantu bose uhereye ku bageze mu zabukuru n’ababafasha.

Ico gisagara ca Nerole gifise abantu bari musi y’2000, kikaba cahinduye ikibanza c’ubushakashatsi mu cizere cuko ico kibanza kizobaha umuco mu bijanye n’ico kiza.

Mwomenya ko ubutariyano buza mu kibanza ca 2 mu bafise abantu benshi bamaze gufatwa n’iyo ngwara, n’abapfa muri ico gihugu bakaba babandanya baba benshi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755