homepagekirundisecuritysociete

Igisirikare c’Uburundi cashikirije ica Somariya ikirindiro c’i Warshik

Igisirikare c’igihugu ca Somariya cashikirijwe n’abasirikare b’igihugu c’Uburundi bagiye kugarukana amahoro muri ico gihugu ikirindiro c’ahitwa Warshik mu mugambi wo gushira mu minwe y’igisirikare ca Somariya ibikorwa vyose bijanye n’umutekano murico gihugu.

Amakuru ajanye n’ico gikorwa avuga ko ico gikorwa co gushira mu minwe ya Reta ya Somariya ibijanye no gucungera umutekano vyemejwe n’umurwi w’umuryango w’ubumwe bwa Afirika ujejwe amahoro n’umutekano mu kwezi kwa Ndamukiza mu mwaka uheze w’2018.

Bivugwako ico gikorwa cakozwe hari abarongozi batandukanye nk’icegera c’uwurongoye abasirikare ba AMISOM, uwurongoye umurwi w’abasirikare b’Uburundi ugira uwa 12, hamwe n’icegera c’umushikiranganji ajejwe umutekano mu ntara ya Hirshabelle iherereye mu bumanuko bw’igihugu ca Somariya.

Mwomenya ko igihugu c’Uburundi kiza ubwa kabiri mu bihugu bifise abasirikare benshi bari kugarukana amahoro muri Somariya inyuma y’igihugu c’Ubuganda, bikaba bitegekanijwe ko mu mwaka w’2021 abasirikare bose ba AMISOM bazovanwa muri ico gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756