BasketballBurundigroups-at-messagekirundi_SportsSport

Ihiganwa rya Basketball ryaratangujwe

Mw’ishirahamwe rya Basketball mu gisagara ca Bujumbura ACBAB ihiganwa ryaratanguye mu mpera zino ndwi.

Imirwi itandukanye mu bagabo no mu bagore yaritavye ihiganwa kiretse umurwi umwe Gymkhana utakinye kubera ibibazo biri muri uyo murwi hagati .

Ku wa gatandatu , umurwi mushasha Aigle noir wakubiswe ubutinyagaza na Urunani ku manota 113 kuri 57 haca hakurikira urukino rwarabwe na benshi rwahuje Dynamo na Kern , Dynamo icitsindwa 72 kuri 62 .

Ku munsi w’imana mu gatondo Les Hyppos yirahiye Muzinga ku manota 82 kuri 60 , Les Hyppos ikaba ariyo yari yiganziye urukino.

Mu rukino rwa nyuma mu bagabo muri ino ndwi rwari guhuza Gymkhana na New stars ariko Gymkhana ntiyahashitse kubera ibibazo biri muri uwo murwi bica bituma New stars itsinda impaga muri urwo rukino.

Izo nkino z’umusi wa mbere zarakinywe no mu bakenyezi ku munsi w’ imana ku kibuga Toyota Gikungu

Gladiator umurwi wahoze witwa Berco stars watsinze vyoroshe Rumuri 88-36 .

Les Gazelles nayo ntiyihanganiye Aigle noir ikaba yayitsinze 103 kuri 33 .

Izo nkino zizobandanya ku munsi wa kabiri mu mpera zino ndwi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 551