bp-members-invitationgroups-at-messageHandballhomepagekirundi_SportsSport

Ihiganwa ry’imishana rirabandanya mu mpera zino ndwi

Nkuko mubizi ingwara ya covid-19 yarahagaritse ibikorwa vyinshi na cane cane ibikorerwa ahantu hahurira abantu benshi kw’isi tutibagiye inkino na cane cane mu nkino z’umupira w’amaguru n’izikinishwa hakoresheje amaboko .

Handball ni urukino rukunzwe i Bujumbura ariko rutariko rurakinwa kubera ko amashirahamwe y’inkino kw’isi bahagaritse ibikorwa.Abakinyi bakina urukino rwa hand-ball i Bujumbura baragiye hamwe bategura ihiganwa  rihuza imirwi ine yo mu gisagara ca Bujumbura rikaba ryatunganijwe n’abakinyi bavuye mu mirwi itandukanye .

Kuri uyu w’imana igenekerezo rya 7 Ruheshi 2020, ku kibuga cecinga co muri zone Ngagara hazoba inkino zibiri:
Nord 1 izohura na Nord 2 isaha zine hama
Sud itane mu mitwe na centre ya Bujumbura isaha zitanu n’inusu.

Mwomenya yuko urukino rwa nyuma rutegekanijwe mu ndwi iza.

Ibiharuro muri izo nkino vyatanguye naho biruko murizo nkino bagiye barahura arico gituma batoramwo imirwi ibiri yasumbije iyindi. Nord 2 naho yotsinda nta mahirwe yo kubandanya ifise ariko Nord 1 yararonse itike yo gukina urukino rwa nyuma hakaba hasigaye ko imenya umurwi bizohura muri final hagati ya Sud na Centre .

Mwomenya yuko Sud niyanganya gusa izoba ironse uburenganzira bwo guhamvya Nord 1 mu rukino rwa nyuma mu gihe Centre nayo kugira ikine final biyisaba gutsinda Sud nkuko twavyiganiwe na Ingénieur Désiré Nkurunziza ari mu bategura iryo higanwa.Urukino rwa nyuma ruzoba mu ndwi iza kw’igenekerezo rya 14 Ruheshi 2020.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 836