DevelopmentEconomyhomepagekirundi

Ihinguriro Brarudi ngo nta ruhombo riragira kuva ritanguye gukora, harashize imyaka irenga 60

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 11 Ntwarante umwaka w’2021, umushikiranganji wa mbere CPG Alain Guillaume Bunyoni yaramutse agendera ihinguriro ry’ibinyobwa BRARUDI mu ntumbero yo kuraba ingene ririko rirarangura imirimo yaryo na rirya Reta y’Uburundi isanzwe irifisemwo imitahe itari mike.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, CPG Alain Guillaume Bunyoni yamenyesheje ko bari bamaze imisi bagendera ayandi mashirahamwe ya Reta canke Reta y’Uburundi ifisemwo imitahe atariko aravyitwaramwo neza, baraheza babona ko vyoba vyiza banagendeye amashirahamwe nayo ariko yitwara neza mu ntumbero yo kuyatera intege no kuyasaba kubandanya bakora neza gusumba.

Twobamenyesha ko kuva rigitangura gukorera ku butaka bw’Uburundi, harashize imyaka irenga mirongo itandatu, ihinguriro ry’ibinyobwa Brarudi ntiririgera rihomba na rimwe akaba ari naryo rya mbere ryinjiza amafaranga menshi y’amakori n’amatagisi mu kigega ca Reta.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 761