homepageAyagezwehoIKIRUNDI_newskirundi

Ijambo rishikirijwe n’Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 60 iheze Uburundi buhabuje intahe y’ukwikukira

Mana nyene urukundo, wewe ivyiza vyose bikomokako,Amahoron’umwidegemvyoturimwomuBurunditubikeshawewe ubwawe, Mana Mushoboravyose. Nuninahazwe imyaka n’imyaka.

Bavukanyi mwese ; Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi,

Aho bukera tuzoba turumije imyaka mirongo itandatu Aburundi basubijwe iteka ryo kwitegekaniriza kazoza kabo. Muri uku kwezi nyene kwa Mukakaro, neza na neza kw’igenekerezo rya 26 mu 2022, niho Uburundi buzoba burumije imyaka mirongo itandatu nyene bugiye mu mutigiri w’ibihugu bigize ishirahamwe mpuzamakungu, kuko kuri iryo genekerezo niho inama y’umutekano y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU yemeza, mu cemezo c’173 cemejwe atawuvuyemwo mw’isasa ry’iyo nama rigira 1017, ko Uburundi bubaye kimwe mu bihugu bigize iryo shirahamwe.

Ico mwokwibuka ni uko Uburundi bwari buri mukwaha kw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, Ububiligi bukaba umuhetsi. Munkundire rero nipfurize umusi mukuru mwiza Abarundi bose, aho bari hose, nkeze n’intwari zitanze mu kurwana urwo rugamba, zigiwe imbere n’Umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore. Abakiriho barurwanye n’ababibonye nabo turabakeje ko batabarutse. Nibahimbarwe, banezerwe kuko bobo barategera neza ico bahabiye kuko bazi amagorwa bari barimwo ico gihe. Erega twebwe, abarutse ubu, hari igihe dufata intahe yo kwikukira minenerwe kuko twabaye ba bigwahashashe. Naho biri uko, twibuke ko ihabuzwa ry’intahe y’ukwikukira ryadusubije agateka twari twarambuwe, rituvana mugisaka c’umwijima ridushira mu gisagara kirangwa n’umuco w’iterambere.Twikukiye rero ngo turwanirize hamwe ico cose codusubiza mu buja, akagaye n’agacinyizo twarimwo mu ntwaro ya ba kavamahanga, kugira ngo tugire ijambo mu gihugu cacu no mu makungu, twitunganirize ivyacu, twinjire mu ntwaro ya demokarasi, aho agateka ka zina muntu kubahirizwa kuri bose.Uwu musi mukuru w’akanyamuneza k’intsinzi ; utubere akaryo keza ko kwisuzuma no gufata ingingo zikomeye zo kurangura ibikorwa bidutera iteka, vyerekana koko ko turi ihanga rishoboye gukora mu mwidegemvyo, ribona iyo rija atawurifashe ukuboko. Twiyubahirize rero, twubahwe kandi twubahirwe ico tumaze, tugire iteka mu makungu. Icivugo c’uwu musi mukuru w’ukwikukira kwacu gishimikiye kuri iyi ntumbero ngo : «Duture igihugu cacu amaboko, umutima n’ubuzima, Uburundi bugire iteka».

Iki civugo catowe ngo tumenye neza ko tutaronse intahe y’ukwikukira ngo duce turera amaboko turye ivyo tutabiriye akuya. Ahubwo twikukiye kugira ngo twihe iteka mu kwiteza imbere, dutunge dutunganirwe, ndetse kugira ngo tube mu gihugu tuzi ko ari itongo rusangi, abari bamwo bategerezwa guhuza umutima n’inama. Ico ni co gihesha iteka igihugu imbere y’amakungu.

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi,

Mu guhimbaza uyu musi, ni agahimbare ko kwibuka ivyo twahabuje. Intwaro ya ba kavamahanga yaranyaze Uburundi ibitari bike, maze igihugu gisubira inyuma nk’ibirenge. Mbere n’ubu novugako ivyinshi bitarasubira mu buryo kubera izo ntwaro zamaze imyaka n’imyaka zituranduramwo umuzirikanyi ndangamurundi. Abarundi bamaze kwinjiranwa n’ingoma yiganje kuy’UBurundi, bagatangura kugendera ku mategeko ashingiye ku mico n’imigenzo y’abanyamahanga, akarangamutimaka bo karatitutse, akarangamutima k’uburongozi bw’igihugu cacu karazimangana. Ivyo rero vyarahungabanije cane umuzirikanyi w’Abarundi kuko bobo bamye bemanga ko ari bene mugabo umwe ari we Burundi, bakayoboka Umwami umwe Sebarundi, bagasenga Imana imwe, bakavuga ururimi rumwe. Imico n’akaranga vyakujije Uburundi n’Abarundi vyaciye bitituka, biha ikibanza ivy’abanyamahanga ataho bisa bisana n’ivyo Abarundi bari bamenyereye. Kwa gukunda ibikorwa no gukorera hamwe, aho Abarundi bahana ikivi mu kibiri imisozi bakanzaganya bari mu kanyamuneza, bakivuna umusase atakwinubana iyo batogeje ikivi, biba birasezerewe, kandi ari vyo vyatuma umwimbu uba mwinshi, ibitiba n’ibigega bikabogaboga.Intwaro za ba kavamahanga zaradukuyeko akaranga k’ubumwe bw’Abarundi. Kugira basambure ubumwe dufitaniye mu Mana, mu gihugu no kumwami, baciye batubibamwo amacakubiri, bigisha Abarundi ko atari bamwe, aho hose atakindi bashaka atari uko Abarundi twokwiyibagira, tugata ubwenegihugu bwacu, gurtyo ntidusubire gukunda igihugu catwibarutse n’indongozi zacu. Ni ico catumye bwa bumwe bwamye buranga ba sokuru butosekara, abavukanyi bari basangiye ingovyi n’urugendo batangura kurabana ribi, igihugu cacu kiba kiramijwe uburozi bugoye kurogora.

Mu bijanye n’iterambere, umuzo w’intwaro z’abanyamahanga wadukuyemwo ubwenge n’ubuhinga Abarundi twari dufise bwo kwibeshaho. Imbere y’umuzo w’abanyamahanga Abarundi barigaba bakigaburira bakoresheje ubwenge n’ubuhinga bwabo :

1.Barahingura ibikoresho mu butare bw’Uburundi, barabumba, bakabaza, bakajisha, bakikorera impuzu n’ibindi vyose bakeneye mu buzima bwa misi yose. Kuva izo ntwaro mva mahanga zishitse, ntawasubiriye guhingura amasuka, imihoro, amacumu, impuzu n’ibindi. Ubu ntaco tugishoboye kwihingurira mu butare bwacu tutakiguriye mu mahanga. Uretse n’ivyo, mu buzima bwacu, imbere y’ukwizizirwa n’intwaro z’abanyamahanga, Abarundi bari bafise inyifato ibereye ubuntu. Abarundi barubaha agateka ka zina muntu, bakubaha ababaruta, indongozi zikifata nk’abungere beza. Ako karangamutima izo ntwaro zarakazimanganije, ahubwo umutima w’umurundi urahindukira, ahahora ubuntu haza ubukoko, n’indongozi ziribagira ico zijejwe, ko ari abavyeyi bakaba n’abungere. Nico gituma bamaze kugenda, Abarundi bagumye bazimagirika kuko umuzirikanyi wabo wari waramaze gufata akarangamutima batamitswe n’abanyamahanga kugira tuze twame mu ndyane, baronke ikibagarukana ngo baje kudufasha kwitunganiriza ivyacu. Mu gihe tumaze imyaka 60 duhabuje intahe yo kwikukira, twategerezwa kuba twarateye imbere na cane cane ko abana b’Uburundi bamaze kwiga bakaminuza mu bisata bitandukanye. Ariko uno musi siko biri, twarize ariko umuzirikanyi wacu uracahumaguza kubera twazimiye. Turacahumirije, aho kuraba ico twokora ngo dutere imbere, tukishinga gusamara ngo abamaze gutunga ni bo bazodufasha.

Tukimeze uko, ntituzoba turashikira ukwikukira nyakuri. None umusore yovuga ko yikukiye akiri mu mbari kwa se, akigaburirwa na nyina ?

Barundi, Barundikazi, Ncuti z’Uburundi, Nivyo, ingarukambi z’iyo ntwaro ya bakavamahanga zarakomerekeje Abarundi bacinjira muri ayo mahano yo kwakwa ijambo n’uburenganzira bwo gutunganya ivyabo. Ingaruka zavyo na zo zabaye umurengera inyuma y’aho tumariye guhabuza intahe y’ukwikukira. Aho kugaruka kw’itsitso ry’ubuzima bwacu, ahubwo Abarundi canecane indongozi zatoranye akarangamutima k’intwaro za ba kavamahanga. Ka karangamutima ko kwubaha indongozi n’amategeko bagataye irarirari. Mbere niho uwari yaremesheje urugamba rwo guhabuza intahe y’ukwikukira Rudoviko Rwagasore, yagandagurwa hadaheze na kabiri atsinze amatora, n’Umushikirangoma wa mbere w’Uburundi Petero Ngendandumwe yari amusubiriye aricwa. Igihugu caciye cinjira mu bihe vy’umuzimiza imyaka n’iyindi, ubwicanyi butegurwa n’aborongoye abandi, bwaka indaro mu gihugu cacu, bwisubiriza uko umwaka utashe gushika no mu 1993, aho Umukuru w’igihugu yitorewe n’abenegihugu Merikiyori Ndadaye yagandagurwa bunyamaswa, ya mbuto mbi y’amacakubiri twabibwamwo n’abanyamahanga ituma Bene burundi basubiranamwo inganda ziratikira kubera kubura indongozi zibanguranya. Mbega ko tumaze imyaka 60 twitwa ko turi mu mwidegemvyo wo gukora ibitunga Aburundi b’ubu n’abazoza, twovuga ko tugejeje ikivi hehe ?

Uwu musi tuwuhimbaje turiko turatoha kuko hariho ibitari bike tumaze kwikorera tutarinze guhamagara umunyamahanga ngo abidukorere. Ni uko nyene twari twarasinzikaye, Abarundi bahuje umutima n’inama. Naho hari abacidodomba, benshi muribo baravuga bati « Hoba ubu ! »Ivyo ni ivyo gushimira Imana. Naho yaducishije kure kugira dukire. Uno musi twomera nka wa mwanditsi wa Zaburi yivuga Imana ku vyo yabakoreye ati :« Ariko Mana waratugejeje, Wadutyoroje umuriro kurya batyorora ifeza. Wadukwegeye mu mutego, Warajegenyuye amafyigo yacu. Waturekuriyeko abantu baduhonyora kugakanu,Twaciye mu muriro no mu mazi, Ariko waradukuyeyo uradutungisha” Imana yarahadukuye; none ni ininahazwe.

Turashimishwa n’intambwe tugezeko mu gutsimbataza intahe y’ukwikukira, kuko tubona ko Abarundi bariko baratahura ivyo twaciyemwo n’imvune vyadusigiye, kandi bakigira inama yo kuvavanura n’iyo ngendo yadusinzikaje.Umwizero w’uko ejo ari heza turawufise mu gihe tutosubira gusamara, ariko kandi Imana y’Uburundi iri kumwe natwe. Uno musi hariho ababona intambwe mw’iterambere ibihugu vyakamishije neza ukwikukira bigezeko, bakamiramitwa. Natwe nitwibaze ahubwo iyo duca tuja hamwe ku kivi mu 1962 gushika ubu aho tuba tugeze mw’iterambere duce twicuza, twihane ko tutagisubira kurekura iciza twafashe. Ni ukwama rero turyamiye amajanja, dukora ijoro n’umurango, ntituzohave duhitanwa n’uruhuherezi isegenya ryari ryaradusize. Barundi,

Barundikazi,Ncuti z’Uburundi,Uburyo nyabwo bwo kubungabunga intahe yo kwikukira, ni ukuja hamwetwese,tugatsimbatazaintwaroibereye,tugakora tutiziganyakugiratwigabekanditwigaburire.Ntawuvugako yikukiye kandi adashoboye kwitunganiriza urugo rwiwe canke arikoarasega.Ukwigabakw’Abarundiniugukomezaintwaroyademokarasi, yubakiyekumushingeubereyekandiw’ukuri,twisunzeimico n’imigenzo y’Abarundi.Ba sokuru barayamaze ngo : « Ingeso y’urugo ntiyubaka urundi ». Twikuremwokotudategerezwakugenderakubigengaintwaro z’abo tudasangiye imico.Ikindidukwiyekumenyanokumenyera,niukoubutegetsi bukomokakubenegihugu,bakabuhauwobabonaabafitiye imigambi itomoye yo kubateza imbere. Ni na bo kandi basuzuma indongozibakongerabagafataingingoikiringobababagutoreye giheze ;bakugomwebakakwongera,bakuneguyebakakubogoza mu kukwima amajwi.Biratangajekandibirababajekubonaharihoabigirakoari abahingamugutunganyaivy’igihuguarikobaciyumvirako ubutegetsibw’abenegihugubugabanganwahagati y’abanyamigambwe.Mbegamuriicogihebagaburaubutegetsi bw’abenegihugu, abataronse na bo baca baba abande, ko abarundi bose batohurira mu nzego z’igihugu ?Mu gihe abanegihugu ari bo bafise urupfunguruzo rw’ubutegetsi, twebweabanyamigambwetworekatugahiganishaimigambi, bakugomwebakakwicarikaku ntebe y’uburongozi, bakuneguye ukemeraugasubiragutunganyaimigambiyotumamunyuma bazokugomwa, na kare ngo : « Utashe imvumure wibuka gutabira ingundu ».Turababazwa kandi n’indongozi ziterwa iryo teka ryo kuja imbere y’abandi,zigacazibazakozigiyegusuhukamukwikwegerakoivy’igihugu.Ivyo na vyo ni vyo bituma abenegihugu bata umwizero ku gihugu, bagatangurakuronderaingenebobogozauburongozibwabo ikiringo kitarahera.Mwen’izo ndongozi ni zimwe zibaza ko bazihaye kurya, kwica no gukiza, bagaheza bagatangura kugira aka mwana wa mama ariko gatera amacakubiri mu gihugu.Abenegihugu ni bo sebuja w’indongozi, bariha amakori n’amatagisi ngohabonekeuburyobwokubatunganirizaiterambere.Mugiherero abakorera igihugu bashatse kurira amatama yose, bamenye ko« uwuja guhererwa ashaya ku masabo ».Barundi, Barundikazi,Ncuti z’Uburundi,Nabivuze, reka ndabisubire, Ukwikukira nyakuri ni ukwigaba kandi ukigaburira.Ikibazo co kwibazauno musi niiki : Ko dufise vyoseImana yaduhaye, habuze iki ngo tuvavanure no gusega ibindi bihugu, ngo natwe tuje mu bihugu biteye imbere ?Iconovugauyumusiniukotwasamaye,dutwarwan’ibitagira mvura. Kandi mubimenye, ingwano y’ibihori iraryohera ibisiga.Basokuru barayamaze ngo igiti ntikigukora mu jisho kabiri. Tuje hamwe twese, dushire imbere ibikorwa, tugwize umwimbu ni naho tuzoba turiko turakomeza intahe y’ukwikukira.Iteramberentiryizanariraronderwa,kandiriraruhisha,ariko mumenye ko uwushaka umubira abira akuya ko kandi atawuryaakatamugoye.Imana ahayo yaraduhezagije igihugu ciza, gifise isi nziza, amazi menshi meza, imvura ikwiye, agataka karimwo ubutunzi bwinshi, ubu ni ahacu ho gukura amaboko mu mpuzu, umwe weseyiyumvire ico yokora kuko umwanya twamaze twicaye, ivyo twarigukorabiraturindiriye ;ntan’umweyovugangoyabuzeicoyokora.Ku ruhara rw’inzego nshingwabikorwa z’igihugu, ubu tugiye gushira abantu bose ku kivi.Ku bakozi b’igihugu, twarafashe ingingo ko uwudakora adakwiye impembo,ahubwoakwiyegutahakwikoreraivyiwe,areke guhenda abenegihugu.Ivyo ni vyo bizotuma itunga ry’igihugu rituramira twese. Ni muri iyontumberotwarayeduhinduyeitunganywary’ibwirizwa rigengaikoreshwary’ikigegac’igihugumuntumberoy’uko amaherayoseajanan’igikorwakigiyegukorwa.Uburero bizoshobokakoabenegihugubagenzuraibikorwatwakoze babicishije ku babaserukira. Abari mu rwego nshingwabikorwa, bazokwamanantaryoberekanaicobakoreshejeamahera bahawe,uwuzobanaweatacoyakozearonkeimperabakwiranye.Ikinditwipfuzakubamenyesha,niukoRetayarayeyemejeamategeko yo kugabanya bwa busumbasumbane bw’imishaharaku bakozi ba Reta. Ahakeneye gukosorwa bikosorwe mu maguru masha. Vyongeye muri uku kwezi kw’indwi gutanguye, politike nshasha itunganya itangwa ry’imishahara igiye gutangura kuja mu ngiro ku bakozi ba Reta. Biragaragara ko twese tugiye ku kivi, ata wurya umutsi uwundi, nta myaka cumi izohera tutarashika kw’ihangirotwiyemejeabakozibosebanezerewe,kukouko umwimbuuziyongeran’ikoumukoziazobibonamuturushodutandukanye.Ubu tugomba kwigisha indongozi kurangura amabanga bajejwe, babona iyo baja gushika aho umwe wese ahejeje ikiringo yereka uwumukoreye mu ngata aho yari agejeje ikivi n’iyo gitera kija.Kubijanyen’abenegihugubikoreraivyabo,ahotuvuze abarimyi, abanyamyuga, abahingura ivyimburwa n’itunga kama ndetse n’abadandaza, dushaka ko abizewe bose baba imboneza koko,bamurikireabandi,babeabatwarebarazwaishingano kubonaabantubosebarikukivimurugambarwokugwanyaubukene.Dushaka ko indongozi zija imbere mu gukunda no gukundisha abandi ibikorwa.Twipfuza ko indongozi zifata nk’intwazangabo, abikorera ivyabo na bo bakaba inteko zo kugwanya ubukene. Urugamba na rwo ni uko umwe wese agira ico akoze kigwiza umwimbu.Ni co gituma tubasaba mwese kuja hamwe mu mashirahamwe n’amakoperativekugiraimitweikoreikoranye.Gurtyotugiye hamwe,ntankekaubukenetuzobutuzamugihugucacu. Ntimugireubwobabw’urugambakukoturikumwetwesebirashoboka.Ndabivuzegurtyokukonabonyekohariabatinyagutangura, bagashakabasebujababahembagusa,nahobobobobabahomvye.Mu bijanye n’iterambere rirama igihugu cacu ciyemeje gushikako, ni ukumenya ibintu vyose bizana itunga mu gihugu.Ngaha iwacu turafise isi nziza n’ibihe vyiza bituma uburimyibushobora gutera imbere na canecane ko mu Burundi ibiterwa vyose bihurumbirwa mu bindi bihugu bihamera. Uburimyi ni yonkingi ikomeye mw’iterambere kuko ivyokurya ni vyo nshingiro y’amagara meza, na yo agatuma tugira ingoga zo gukora.Nicogitumadusabanantaryokwamatwitwararikagukingira ibidukikije.Tuzomenyakotwakingiyeisiyacu mu gihecose tuzobonaamaziyosey’Uburundiariumusararakandiatasiigaragara.Aha iwacu kandi igihugu c’Uburundi gihagaze mu karere keza, koroherezaingenzinariryadufisen’ivyizaturata, abanyamahanga bashobora kuza kunezerererwa.Ica gatatu dufise gituma tugwiza umwimbu ni ubutunzi buri mu gataka kacu, dushobora guhingura tugashora mu bindi bihugu. Ntihagire rero umurundi yiyanjanjwako kuko umutahe turawufise ni ahacu rero kuwuhingura, tukawukamisha.Barundi,Barundikazi,Ncuti z’Uburundi,Twavuzeiterambereriramaarikoharihoibitegerezwaguherekeza imigambi kugira ngo ibintu bigende neza.Nko mu bijanye n’imibano turabona ko igwirirana ry’abantu riri mubizingamikaiterambere.Umuryangonahowokoragute, urondereraabantubenshintushoborakugiraicouziganya. Abanabakeneragufungura,kuryama,kwiga,kuvuzwa, kwambikwan’ibindi.Ivyovyosebisabauburyo,ivyobigatuma umuryango urenza abana batatu biwugora cane.Kira noneho amatongo yaraze, hamwe twoguma kuri uyo murindiwo kuvyara, vyoshika tukazosanga igihugu cose kigizwen’amazuhanyumaducetwicwan’inzarakuberaubukenebw’amatongo.Muntumberoyoguteraimbere,ntibishobokaumuntuwese adashoborakuziganirizaejo,ryobaariiterambererimara umwanyaurumerumara,kandidushakaiterambererirama. Uretsen’ivyo,igihugugiteraimberegitekanye.Ngira ntawokwirengangiza ko no mu masentare ibibazo vy’amatongo ari vyo vyiharije igice kinini c’imanza.Turabona kandi agahaze kuko abarundi batari bake ntibari ku kivi.Ahatwovugaabirirwabicayemubisagara,impunzi zitarahungukan’inkoziz’ikibizirimumabohero.Urwoni uruhombo kuko abarundi bose bategerezwa kuja ku kivi.Ku bijanye n’Abarundi bakiri mu buhungiro, turashima ko igice kinini kimaze gutahuka kandi ko n’abandi babandanya bashika mugihuguc’amavukiro;turashimishwakandin’ingene abasangwabakiranaigishikabenewabomukubashigikiramu vyo bakeneye mu gihe bataba bareza ivyo bashitse barima.Kubantubicayemubisagaranabo,nibamenyekokurya wicaye ari ukwonka iyatetse kuko ni aho kuba abafise ico bakora gusa. Barya mwatse indaro ni ukubera ubuntu buranga Abarundi nayo harya usanga barashegeshwe.Nimwegereiyomuvakukonihomufisemusiy’urugohoho mworima agatoke, mukworora n’udutungwa.Niiyo ntumbero yatumyeuburongozibw’igihugubwiyumvira inzira yo gusahiriza mw’iterambere mu gushigikira abenegihugu biyegeranirijemumakoperative,canecaneurwarukan’abakenyezi.Ku bari mu bihano na bo kubera ububegito, nta kindi twokora atariukugumatwigishaakarangamutimak’umurundikugira twesetugendereubuntu.Gurtyoinkoziz’ikibizigabanukemugihugu.Mu bintu biraje ishinga Reta, urwaruka n’abakenyezi bafata ikibanza ca mbere, bivanye n’uko iyo mirwi ari yo igize igice kinini c’Abarundi,kandikoariboigihugugitegerezwakwubakirako umushinge w’iterambere.Ni muri iyo ntumbero ingingo zitandukanye zifatwa ku neza yabo, kugirangoishigikirweyongereifatwemumugongo,tukaba dushimakotwerekaababonakandibashashayeiterambere, twihwejeingenebarikobaratunganyaingabirey’amabankibaronse.Barundi, Barundikazi,Ncuti z’Uburundi,Mu guhimbaza isabukuru y’ihabuzwa y’intahe y’ukwikukira, twogarukakw’iketeUmuganwaRudovikoyandikiyeRezida w’Uburundikw’igenekerezorya29Mukakaro1960,yerekana amahinyu mu bijanye na poritike ku ntwaro y’abakoloni, yagize ati : « Turahakanye kwerekwa aho duca tutari impumyi ; twipfuza gufashanyatudahendana,twubahanakurugerorungana. Mugabo,ntibigasubirekubanarimwekodufatwank’umwana agamburukira Se ku gitsure ».Aha rero, tworaba ko uno musi, ivyacu tubitunganije neza, kotutakizera inze, ko twigaba tukigaburira.Imyakamirongoitandatutumazetwitunganirizaivyacu, yerekanakodukuze,tutagikeneyeuwudufataakaboko,ubu dukeneye abo tujana mu nzira y’iterambere.Abarundirerotubasabagukundaibikorwakukoarivyobiha icubahiro n’iteka umuntu mu kibano, mu gihugu no mu makungu. Igihugu cacu tugiheshe iteka mu vyo dukora aho turi hose imberey’abanyamahanga.Barundi, Barundikazi,Ncuti z’Uburundi,Imbereyogusozera,twagombatubavunireakagohekuvyo twokwitwararika mu gutsimbataza intahe y’ukwikukira:Imbere ya vyose, hari igisumba ikindi : amahoro n’umutekano. Mugihugukirimwoumudugararo,twarabibonye, abanyamahanga ni bo biha ijambo. Aha rero twame tuhagabiye.Ubwakabiri,twametuzirikanairijambo:Turikumwetwese birashoboka.Mugihetuzobaturimubumwe,tugakora dusenyerakumugoziumwe,ntankekakotuzoshika kw’iterambereriramakandiribereye. Dukorere hamwetwese kukotubirituvuranaubupfu.Uwateyeintambwenaweaze aribuka gufata ukuboko mugenziwe, amwunguruze.Ubwa gatatu, twamize ku muzirikanyi ko atawuvuka rimwe ngo yuzureingovyi,tuvemumyidodombo,dushimeahotugeze hanyuma twigire inama yo gutera iyindi ntambwe.Kenshi dusamazwa n’abateye imbere kuva kera turi mu ndyanehanyuma tugaca twihebura. Ni co gituma benshi baja mubigeragezo vyo gutunga vuba kandi batarushe bigatuma baja mu nabi.Izozibikazariamagi,natwetuzohashika,turapfagusa kwihangana ntidusubire mu ndyane.Ubwa kane, ni uko twomenya ko igihugu kitagira akaranga kiba gisan’icapfuye.Dukoreibikorwavy’iteramberedushingiyeku karanga kacu. Ivyo tubibwira ahanini urwaruka kuko ruhanganye n’ubuhinga bw’iki gihe butuma umuntu yiyibagira iyo ariko araja, ngo yabonye ibiryoherajisho. Dusavye rero abavyeyi kugarukira indero y’urwaruka, bagaruke kuri ya ndero yo ku ziko, bereke abanaumwongauhuman’udahuma,babarindekujana nyabahururu,mazetwisungeimicon’akarangavyacumw’iterambere.Bavukanyi,Barundi benewacu!Mu gusozera nagomba ndabibutse ko Imana yaduhaye igihuguciza c’Uburundi, iduha kwitwa Abarundi, tubinezerererwe rerokandi tubigendere, tumenye ko turi ba Samuragwa baco kandi konatwe tuzokiraga abacu.Indyanezazingamitseigihugucacunikimwemubitumahari Abarundi bakimaramara, bagatinya no kwemanga no gukorera igihugu cabo kuko casa n’igicibwa.Ubuibintuvyarahindutsenezakandicane,aricogituma dutegerezwa kwirata, tukarata ishusho rishasha ry’igihugu cacu mu kukiyaga neza aho turi hose.Nidutsimbatazeintaheyacuy’ukwikukira,umweweseakore yiteze imbere, azoba ariko ateza imbere igihugu.Twame tugendera ubuntu, ubutwari n’ubumwe vyamye birangaAbarundi.Indongozi zosezigenzenk’abavyeyi imbere y’abo zirongoye, zirinde akarenganyo no gukora ivyo vyose vyotuntuza umutima abenegihugu zijejwe.TwametwibukaijamboLudovikoRwagasoreyashikirijeigihe yariko atanguza “koperative kavukire yo gusumiramwo COPICO (CoperativeIndigènedeConsommation),bitewen’ukoibiciro vy’ibifungurwavyagumabidugakumburekuberaabitambika hagati y’umugwizatunga n’umusumyi.Yavuze ati: “Ico mutokekeranya, ni uko mu gihe amashirahamwe y’amakoperativeatunganijeneza,agafashwakandi agahimirizwa, igihugu cacu cotera imbere mu mpande zose mu butunzi, ku buryo nyabwo kandi burama”.Eseindongoziahozirihose,habamumashirahamwe y’abenegihugu canke mu bisata vy’inzego z’igihugu bovyumva uko; ibindi vyose vyoza vyogerako.Nikuriakokamo ndangirijeko,nsubirakwipfuriza Abarundi bose,ababamuBurundin’ababamumahangaumusimukurumwiza.Muwuhimbazemuzirikana kandimushiramungiroikicivugo kivugango: « Dutureigihugucacuamaboko,umutima n’ubuzima, Uburundi bugire iteka ».Nihahangame igihugu cacu n’intahe y’ukwikukira,Imana ihezagire Uburundi n’Abarundi,Murakoze

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755