BurundiEconomyhomepagekirundi

Ikigo OBR caraye gifashe ibidandazwa vyinjijwe mu kinywabi

Ibidandazwa bigizwe n’ibitenge 435, udukarato 3109 tw’imiti hamwe n’imitekero 9 y’utumwanya tutemewe n’amategeko nivyo vyaraye bifashwe n’ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi OBR.

Ivyo bidandazwa bikaba vyafashwe kuri uyu wa kane igenekerezo rya 15 Gitugutu umwaka w’2020, biraheza bifatirwa muri karitiye ya Nyabugete iri muri zone Gihosha muri komine Muha, bikaba vyari vyinjijwe mu kinywabi bicishijwe mu kiyaga Tanganyika.

Nk’uko bisanzwe, ibidandazwa ben’ivyo biba bifashwe vyinjijwe bitarishe amakori, benevyo baba bafise amezi agera kuri abiri kugira baje kubirihira, ico kiringo kirenze bataraja kubirihira, ivyo bidandazwa biraheza bikagurishwa icamunara amafaranga abivuyemwo agashirwa mu kigega ca Reta.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766