BurundiEconomyhomepagekirundi

Ikigo OBR ngo kigiye guhindura umukenyuro

Ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi, OBR ngo kigiye guhindura umukenyuro inyuma y’aho hagumye hafatwa ibidandazwa bicisha mu kinywabi.

Imiti ifise agaciro k’imiriyoni 30 z’amafaranga y’amarundi, ibiro birenga 15 vy’ibiyayuramutwe hamwe n’ibitenge birenga 250 ni bimwe mu bidandazwa vyafashwe mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri n’ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amtagisi OBR.

Amakuru atangwa na OBR avuga ko ivyo bidandazwa vyafatiwe mu ngendeshwa yunguruza abantu n’ibintu yari ivuye mu gihugu c’Ubuganda.

Komiseri mukuru w’ikigo OBR kijejwe kwegeranya akori n’amatagisi Audace Niyonzima avuga ko hari ubundi buryo bushasha bwo kwinjiza ibidandazwa biciye mu kinywabi ari nayo mpamvu ngo hagiye gufatwa ingingo nshasha zo kuburwanya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766