footballhomepageIKIRUNDI_newsInkinokirundi

Ikinjura rya Cristiano Ronaldo ngo ririhuta cane

Ubu ngo birihutirwa cane ko umukinyi w’igihangange Cristiano Ronaldo ava mu mugwi wa Man United.

Ayo makuru y’ikinjura rya Cristiano muri Man United akaba yaragize imisi avugwa, ariko ubu akaba yakomeye kuko uwo mugwi ngo udahagaze neza.

Nkuko Amakuru ava kuri uwo mugabane abishikiriza, ngo ibura ry’itike rya Man United ribajana mu nkino za Champion the League ngo yoba ariyo mvo ishirwa imbere n’uwo mukinyi.

Uwo mukinyi yarasanzwe afitanye amasezerano na Man United azomushikana mu mwaka wa 2023, bikaba vyavugwa ko ariko aronderwa n’imigwi ikomeye yo kuri uwo mugabane.

Hampande y’imigwi nka FC Barcelona, As Rome, Chelsea canke Bayern Munich yariko iramushaka ngo uwo mukinyi ashobora gutsindirwa ahubwo n’umugwi Atletico de Madrid nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru le10sport abishikiriza.

Naho izo nkuru zibandanya zivugwa, umwe mu bakinyi b’inyuma b’uwo mugwi bo bakaba basaba uwo mukinyi w’igihangange kugumana nabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 863