BurundiEducationhomepagekirundi

Ikiringo cari catanzwe congerejwe

Ikiringo c’iminsi ibiri cari gitegekanijwe ku bijanye na rusansuma y’abakozi congerejwe gushika hafashwe izindi ngingo. Urwo rusansuma rwari rwatanguye kuri uyu wa mbere.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikirangaji bw’abakozi n’akazi amenyesha ko hitezwe ibiharuro birenga ibihumbi 100 mu gihe bamaze gushika ku bihumbi birenga 12.

Marie Rosette Nizigiyimana asaba abakozi kwitabira ico gikorwa ngo kuko catunganijwe ku nyungu zabo nko gutunganirizwa vyoroshe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764