BurundihomepageJusticekirundi

Ikiringo c’imisi itatu nico bahawe kugira bige ikibazo kibahanze

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2021, abanyagihugu bafise amaparasera ahitwa Kigeri-Miteramo, ni muri zone Ngagara, komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura, bazindutse bugariza ubushikiranganji bw’ubutungane.

Abo banyagihugu basaba ko bokomorerwa amatongo yabo bavuga ko aherutse gutangwa n’umushikiranganji mu vyo ajejwe hakaba harimwo inyubako.

Ubushikiranganji bw’ubutungane buremeza ko iyo dosiye buyifise. Gervais Hajayandi umunyamabanga ntayegayezwa atanga isango ry’iminsi itatu kugira ubushikiranganji burondere bwongere bwige ico kibazo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764