Burundihomepagekirundisecuritysociete

#Ikiyago : “Umwanya ni ubutunzi kandi urubanza ntirubungwa”

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru hamwe n’abenegihugu, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yabajijwe igituma Uburundi bwama buvuga ko buterwa n’igihugu kibanyi c’Urwanda yamara bwitwara ntiburonke inyishu itomoye araheza yishura ko uko imyaka yagiye irakurikirana nko mu mwaka w’2014, uw’2015, uw’2016 hamwe n’uwu mwaka w’2019, igihugu kibanyi c’Urwanda ngo camye gisotora Uburundi ariko Uburundi butigeze nabwo buza kwihora kuko mu mico yabwo butigera butera ikindi gihugu.

Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko muri iyo myaka yose hariho abafashwe bamwe n’ubu ngo baracafiswe n’Uburundi kandi igihe bafatwa baremanze ko bagiriye imyimenyerezo mu gihugu c’Urwanda hama bayihejeje bagaheza bakarungikwa gutera Uburundi baciye mu gihugu kibanyi ca Repubirika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Yamara n’ubwo Uburundi butigera butera ikindi gihugu ngo burara bukaravye buraheza bukivuna.

Nayo ngo kubona butigera bwishurwa ku manza buguma bushikiriza amasentare yaba mpuzamakungu canke yo mu karere k’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amenyesha ko umwanya ari ikintu gihambaye cane, ubutunzi bukomeye kandi urubanza ngo ntirubungwa, naho ngo hazoca imyaka ijana canke amajana abiri Urwanda rwicare rubizi ko ruzoteba rukishura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765