BurundiDevelopmentEnvironementhomepagekirundi

Ikomine yose izoba ifise n’imiburiburi ikibanza kimwe c’amazi ava mu kuzimu

Mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe amazi uhimbazwa kw’isi yose igenekerezo rya 22 Ntwarante burimwaka, ishirahamwe ACVE (Action ceinture verte pour l’environnement) rifandikanije n’igisagara ca #Bujumbura kuri uyu wa 27 Ntwarante 2021  buguruye igikorwa co gukwiragiza amazi avuye mu kuzimu ku metero 100 mu kibanza “jardin public” bifashijwe n’ishirahamwe “Amazi water”.

Libère Niyobampama, arongoye ishirahamwe ACVE yamenyesheje ko uwo mugambi bawiyumviriye kugirango ikibanza jardin public benshi binonoreramwo imitsi coguma gitotahaye no mugihe c’izuba ndetse n’abahaza bakaronka amazi meza banwa. Amenyesha kandi ko bariko barashiraho ivyuma bitanga umuco (plaques solaires) bizofasha mu kuboneshereza abazoza muri ico kibanza amasaha y’umugoroba.

Ku ruhande rwa Mbonerane Albert yahoze arongoye iryo shiramwe igihe kitari gito mbere akaba ari no mu baritanguje yashimiye abafashije kugira uwo mugambi ushobore gukorwa, nk’ishiraharahamwe “Amazi water” ndetse, ngo abantu barikumwe vyose birashoboka aho yagize ati “together we can”.

Ishirahamwe “Amazi water” rimenyeshako kugera mu kwezi kwa 8 umwaka 2022 buri komine yose yo mu gihugu c’Uburundi izoba yaronse n’imiburiburi ikibanza kimwe gitanga amazi avuye mu kuzimu.

Ubwo buryo bwo gutanga amazi mu kibanza jardin public buzotanga ama litiro  12.000L kw’isaha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768