homepagekirundiSCIENCES & TECHNOLOGIESWorld News

Imboneshakure zigurishwa mu gihe ca Black Friday ngo ntizikingiye neza

FBI iragabisha abagura imboneshakure muri Promotion ya Black Friday, kuko zidakingiwe, ngo abagizi ba nabi bashobora kuzinjiramwo, noneho bakazikoresha.

Ikigo gishinzwe iperereza ry’indani muri Leta zunze ubumwe z’amerika, kiragabisha abaguzi b’abanyamerika ku mboneshakure zigize igihe zigurishwa ku rufaranga rumwe muco bise Black Friday.

Izo mboneshakure ngo ntizikingiye neza, ku buryo abagizi ba nabi batozikoresha mu kwinjira mu buzima bwabo. Igituma nk’uko bibandanya bishikirizwa n’ico kigo ngo nuko amatohoza yakozwe yerekanye ko izo mboneshakure za Rukka n’iza Samsung vyorohera cane aba Hackers kwinjiramwo.

Ariko naho biruko, ico kigo kiribira akabanga abo benegihugu ko hariho uburyo bwo kwirinda gutera n’abo ba Hachers.

Ubwo buryo nabwo n’ubu :
1. Ico kigo gisaba abantu kugira ubushakashatsi bakoresheje Internet ngo barondere neza ivy’izo mboneshakure batunze, bakoresheje Model yayo, babaze Camera na Microphone uko bikora.
2. Barabe ko ushobora guhagarika uburyo batwara amakuru y’ivyo uraba, unahindure ibiharuro vy’ibanga.
3. Zimwe muri izo mboneshakure ziba zifise Camera na Microphone, FBI isaba abantu kuzizimya nimba bikunda, bidakunda ngo bashireko akantu katabonerana kugira ntibashe gu camera.
4. Barabe neza nimba uwazikoze yarabashije gushirako uburyo bwo kuyikingira, nimba burimwo barabe neza ko bukora.
5. Usome neza agapapuro baguhana k’uburyo ikora, urabe amakuru batwara ayariyo, n’ikigo kiyatwara, n’ico baja kuyakoresha.
6. Ico kigo kikaba kinasaba abantu bibaza ko boba bakozweko igitero n’abagizi ba nabi bakoresheje Internet ko bobishikiriza mu gisata ca FBI kibijejwe.

Mwomenya ko imvo y’ukwo gushaka ko baba maso aruko, izo mboneshakure zikoresha Internet, ukaba ushobora kuraba ibintu bitandukanye kuri Internet. Ico kikaba ikibazo kuko abagizi ba nabi bashobora kwatsa Camera canke Microphone noneho bakumva ivyo abantu bavugira hafi yayo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755