BurundihomepagekirundiSpirituality and progress

# Imburi : Nyabuna ntuje na rwo; vayo!

Kumbure agatima gatanguye kurebareba. Kumbure utanguye kwibaza uti kubera iki mbega jeho ntogira ivyo abandi bagira. Kumbure nta maragamo  ugifise. Utanguye kwifuza kuja kurigata urume uvuye mu ruzi eh mama ngo rwoba rusosa…. Impene zica ibiziriko.

Amaso n’amatwi bigusumira hirya no hino, utanguye kubona uti kumbe wa mugani uti” Indahiro mbi ntirwaza mu nda” niwo…

Akavuzi imburi gati : Ivyo bintu ugiye kugira, bizokugirira ingaruka mbi mu buzima bwawe bwose. Ugira ukore ikintu kikunezera mu kanya gato, ariko uzokwicuza ubuzima bwawe bwose.

Uti none ndabivemwo gute?

1.Emera ko watewe

Banza wemere ko watewe!  Ivyo nyene bikwosha ngo gira bino nivyo bizogaruka kubikwagiriza ejo bugaca. Ni ivyanka ko ejo utotambuka unega agatwe ataco winona.

2.Ivune.

Intambara zo mu mpwemu nazo; zirwanirwa mu mpwemu nyene. Ivyo vyakuganje bikagomba kugukura mu nzira nziza ni ibishaka kukujana mu mahonero.

Nyaragasa, wihutire kuvuga kandi wongera uzirikana izi zaburi zibiri:

Zaburi ya 27 izogufasha kwirukana ibikuganje bishaka kugutesha ubuntu

Zaburi ya 46 izogufasha kugaura ivyo wanyazwe mu buryo bw’impwemu arivyo bitumye utakigira amaragamo, kuko vyakubereye nk’ibinyoni vyanunuje akanovera wahora wumva.

Uzozivuga gushika aho utanguye kwumva ko watunganiwe aho uherereye,  akanovera wibwe n’abambuzi kagurutse muri urwo ruzi nyene urimwo. Nayo ahandi ho, ukareka, uraheza ugende ugire yamara ejo aho bukera bazovyeraka abagabo. Ntakinyegejwe kitazoja ahabona.

Bibwirwa benshi bikumva bene vyo . Eka kandi ngo  ” nta wuca  umugani umwana asinziriye”!

.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764