BurundiBusinessDevelopmentEnvironnementhomepagekirundi

Imicafu mu ma “bus” igiye gusezererwa

Gushika kw’igenekerezo rya 31 Nzero 2021, imiduga yunguruza abantu n’ibintu izoba ifise ibikoresho vyo gutamwo imicafu (poubelle) nkuko bimenyeshwa n’ishirahamwe ryo kwunguruza abantu n’ibintu mu Burundi ATRABU.

Charles Ntirampeba, umunyabanga mukuru akongera akaba n’umuvugizi wa ATRABU avuga ko nubwo iyo ngingo yari yafashwe mu mpera z’umwaka w’2020, ku ruhande rwabo bataciye bava ku kivi ahubwo ko bariko bakorana n’abatwara ibituro bitandukanye kugira iyo ngingo ishirwe mu ngiro.

Imiduga yorenga kuri iyo ngingo, avuga ko hasanzwe hari ibihano bitegekanijwe mu gihe hari uwurenze itegeko ryashizweho.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768