homepagesociete

Burundi:Amatongo yose arimwa agiye gupimwa uburinganire

Ingingo yo gupima uburinganire bw’amatongo yose arimwa nk’uko itangazwa n’a Reta y’Uburundi,igamije guteza imbere igisata c”uburimyi kuko gushika ubu atabiharuro n’intonde z’amatongo arimwa n’ n’abayarima ivyatuma umuntu atamenya ifumbire n’imbuto ziba zikenewe gutyo umuntu ntashobore kumenya nyimba warabaye mwiza canke mubi.

Abashikitanganji batatu ba Reta y’Uburundi bariko basigura zimwe mu mpinduka zigiye gukorwa mu gisata c”uburimyi mu nama n’ababuramatari,abasitanteri n’afundi b’indimo n’abajejwe uburimyi mu ntara no mu makomine ,umushiniranganji w’ubutunzi Audace Niyonzima yavuze ko ari ngombwa ko amatongo yose ariko ararimwa abwirizwa gupimwa bn uburinganire gutyo amenyekane hanyuma haheze haboneke ibiharuro bizoza birakorerwako hageze gutanga ifumbire n’imbuto .

Uyo mushikiranganji avuga ko reta ishira k’umwaka k’umwaka amahera atari make mu kuriha ifumbire ihabwa abarimyi yamara hakaguma haravurwa inzara .

Audace Niyonzima avuga ko Inyuma y’uko gupima amatongo ifumbire izoza iratangwa aho bazoba bubahirije ivyo bikorwa vyo gupima ayo matongo kandi hamaze gutangwa intonde z’abarimyi gutyo bizokworoha kwirimbura hageze kwimbura .

Abo bashikiranganji batutu aribo uwujejwe intwaro yo hagati mu gihugu ,uw’uburimyi hamwe n’uwubutunzi muri iyo nama n’abarongoye bakaba bashikirije kandi ko hariko harirwa ukwo umurimyi wese yipfuza ifumbire iri musi y’umufuko yoyironka ku kiro nk’uko vyagiye birasabwa n’abarimyi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 672