BurundihomepageIKIRUNDI_newsImyidagaduromusic

Imihezagiro y’aba Diaspora ngo ntirashika kuri Treyzo na Rapy Boy

Kimwe mu bintu bimaze kumenyerwa hano iwacu n’uko umuririmvyi akunzwe, aronka aba Diaspora ngo bamuhunda amafaranga mu kumukeza n’ukumushigikira muri ivyo bikorwa babamwo. Ariko ngo hari bamwe mu bakunzwe muri kino gihe uwo mugisha w’aba Diaspora utarashikako, naho bizeye ko biri mu nzira.

Muri abo batarahezagirwa harimwo abasore babiri Treyzo na Rap Boy muri ino misi bakunzwe kubera uturirimbo twabo tugize imisi dusohoka dushika ku nyota abatari bake.  Abo basore basanzwe ari abavukanyi bavuze ko aba Diaspora ata wurabahezagiza amafaranga, ivyo bakaba babivugiye mu kiganiro Hangout ca Jimbere Magazine.

Bagize bati : “Je nibaza ko bakenye nabone, ntibaraturungikira inoti gusa ico nzi baraturungikira z’ama Video z’ama Challenges…. Twebwe ntibaraduhezagira, kumbure biri mu nzira.”

Muri ico kiganiro abo basore banavuze ko ubu bitacoroha ko biyunguruza kuko kare ngo aho bahora bagaza ngo ntibakihahamvya, (kugenda n’amaguru), nayo icibagiwe ngo n’ukwicara imbere y’umuryango kuko  uko iminota ihera niko abaja kubaramutsa biyongera.

Ivy’ukutaba bacidegemvya ngo biri mu bituma babaho ubuzima ataribwo arico abubu bita gufekinga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 721