BurundiEconomyhomepagekirundi

Imiriyaridi zirenga 1000 nizo ikigo OBR cegeranije

Imiriyaridi zirenga 1000 z’amafaranga y’amarundi niyo yatojwe n’ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi OBR mu mwaka wa 2019 ushira uwa 2020. Ni mu gihe cari citeze gutoza imiriyaridi 908.

Ivyo ni ivyashikirijwe na Audace Niyonzima, Umuyobozi mukuru w’ico kigo, akaba yashishikirihe mu gihe yariko arugurura icese itanguzwa ry’umusi wahariwe umutangakori, kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 23 Gitugutu 2020.

Audace Niyonzima asigura ko ayo mafaranga atiyongereye kubera hadugijwe amakori n’amtagisi yamara  ko vyavuye kw’itunganiywa neza ry’ibikorwa muri ico kigo hamwe n’abatangakori biyongereye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766