BurundiEnvironnementhomepagekirundisociete

Imiryango y’abantu igera kuri mirongo ibiri yimuwe

Kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2021, imiryango y’abantu igera kuri mirongo ibiri yimuwe bitumwe no gusenyuka kw’isi kwadutse kubomagura amazu atari make ku mutumba na zone Migera komine Kabezi mu gisagara ca Bujumbura.

Nk’uko bishikirizwa n’umuhinga mu bijanye n’ibidukikije Nibigira Léonidas, ngo bimwe mu vyatumye iyo si isiduka ni amazi aguma anyengetera mw’isi isanzwe ifise umugaga.

Nayo uwurongoye igisata c’igihugu kijejwe gukinga ibiza n’isibe yari yishikiye ku rubuga muri ico gikorwa yamenyesheje ko bagiye kurondera abobafasha kugira bagarukire kuri iyo miryango isigaye mu kangaratete.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765