BurundihomepagekirundiPolitiquesociete

Impamba umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaraye atekereye abarundi

Umukuru w’igihugu asaba abarundi bose guharanira amahoro aho umwe wese aba, bayatsimbataze bari hamwe bose kugira bashobore kugwaniriza hamwe umwansi w’ubukene mu muryango.

Evariste Ndayishimiye yabishikirije kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 21 Munyonyo 2020 ari i Buhiga mu ntara ya Karusi, ahariko habera ibirori vyo gusozera indwi yahariwe umugwanyi.

Umukuru w’igihugu yasiguye ko umunsi mukuru wahariwe umugwanyi ujanye n’igenekerezo rya 16 Munyonyo aho umurwi CNDD FDD wahagarika intambara, hari mu mwaka w’2003.

Yaboneyeho kandi kwibutsa abategetsi b’igihugu batandukanye kwama batunganiriza abenegihugu babitura bataravye nkunzi, birinde akarenganyo iyo kava hose ko ntanduruko y’indyane mu gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765