BurundiEast Africa Newshomepagekirundi

Impunzi z’abarundi ziri muri Uganda zagiriza HCR kutazorohereza ngo zitahuke

Zimwe mu mpunzi z’abarundi ziri mu gihugu c’Ubuganda ziratakambira nyenicubahiro Evariste ndayishimiye ngo abafashe mu bijanye n’ugutahuka mu gihugu cabo c’amavukiro kuko bamaze kwumva ko I Burundi amahoro ari umusesekara.

Izo mpunzi zikaba zahisemwo gutakambira umukuru w’igihugu c’Uburundi kuko zagiriza amashirahamwe nka HCR n’ayo bafatanije ibikorwa kubankira gutahuka mu gihugu cabo c’amavukiro. Ivyo bakaba babifatira ko umwaka wa 2021 wazananye n’ihagarikwa ry’umugambi wo kubatahukana.

Naho hari abahagurutse bagahimiriza abandi ngo batahuke mu gihugu, hari abandi nabo batavyerekwa kuko babona ko ivyo bahunze bitarahava nkuko vyashikirijwe na bamwe kuri Micro y’ijwi ry’abanyamerika VOA.

Ivyo bishikirizwa n’impunzi z’abarundi zibarizwa mw’ikambi ya Nakival mu gihugu c’Ubugande vyamirigwa kure n’abasanzwe baserukira iryo shirahamwe rya HCR aho bavuga ko uwo mugambi wo gutahukana impunzi wahagaze kubera ikiza ca Corona Virus catumye ibikorwa bitari bike bihagarara.

Umuvugizi wa HCR mu karere k’ibiyaga binini, muri afrika y’ubuseruko no mw’ihembe rya Afrika yabwiye ijwi rya amerika ko ugutahuka kw’impunzi ari uburenganzira bwiwe kandi ko avyisabira akanasigura impamvu imuteye gutahuka. Uwo mupfasoni akaba yabandanije avuga ko kuva mu mwaka wa 2017 hatanguye umugambi wo gutahukana impunzi ziva mu bihugu nka Tanzania, Urwanda, Kenya, Uganda na Congo.

Abagera ku 200 niwo muce wa mbere w’abatahutse muri Uganda, hari mu mwaka uheze wa 2020 mu kwezi kw’10, ariko ko ikiza ca Corona catumye ivyo bikorwa biba birahagaze.

Iryo shirahamwe nkuko uwo mupfasoni yabandanije abishikiriza ngo barakeneye ayarenga 220,000,000 z’ama Dollards ya amerika, yababa Imliriyaridi 550 z’amafaranga ya hano iwacu yo kugaburira impunzi z’abarundi gusa, ariko aho hakaba harimwo n’ayo gufashisha abarundi baba bashaka gutahuka.

Iryo shirahamwe rikaba rivuga ko ikibazo c’impunzi z’abarundi gisa n’ikiriko kiribagirwa kuko nko mu mwaka uheze ku mafaranga bari bakeneye kugira bafashishe abarundi ngo habonetse ibice 40%. Ubwo bukene bw’ayo mafaranga buca butuma impunzi zirenga gato 300,000 ziba ziriko zirasabirwa ubufasha zibona igabanuka ry’ivyankenerwa harimwo n’ibiribwa. Izo mpunzi zisabirwa ubufasha zikaba ziri mu makambi ari mu Rwanda, Uganda, Kenya, Tanzania no muri Congo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764