BurundiHealthhomepagekirundi

Impunzi zahungutse ziri mu bazofasha kugwanya Corona Virus

Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Muganga Thadee mw’ijambo yashikirije bakira Impunzi, yagarutse ku ruhara bazoba bafise ku kugwanya ikiza Corona Virus.

Abavyeyi bibungenze ngo aho bukera ntibaze bareke gutumbera ivuriro ngo baje kwibaruka kuko umuvyeyi hano iwacu yibaruka ku buntu. Ivyo n’ibiheruka kubwira impunzi zababa 500 ziheruka guhunguka zivuye mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Muri ubwo butumwa bwashikirijwe na Muganga Thadee akaba kandi n’umushikiranganji w’amagara y’Abantu, yanagarutse ku bana bafise musi y’imyaka 5 bavukiye mu buhungiro, aho yabwira abavyeyi babo ko batokwitinya kubatwara kwa muganga nivyaba nkenerwa. Aho akababwira abo bana ari abarundi kandi hano iwacu abana bari musi y’imyaka 5 bavurwa ku buntu.

Muganga Thadee ntiyaretse kubibutsa ko aho bukera nabo bari mu bazofasha kwigisha abo bazoba basanze ku mitumba ivy’ukugwanya ikizi Corona Virus. Ivyo ngo bikazoba ari inyuma y’ugusubira kandi kubapima ico ciza, inyuma yaho babapimiye bashitse ku mupaka Uburundi buhana n’Urwanda.

Abo bahabwa ubwo butumwa bakaba bari abarundi bari mu muce wa mbere w’Abarundi bahungutse bavuye mu gihugu c’Urwanda aho bamwe bari bamaze imyaka 5 nkuko vyashikirijwe na bamwe bamwe kuri Micro za Mashariki Tv.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764