BurundiEnvironnementhomepagekirundi

Imvubu ngo zirageramiwe cane kandi zari zikwiye gukingirwa

Berchimans Hatungimana arongoye ikigo OBPE kijanye n’ibinyabuzima biba mu kiyaga Tanganyika, Rusizi n’ahandi, amenyesha ko imvubu zifashwe nk’izigeramiwe mu Burundi kubera ko ibitigiri vyazo vyoba vyaragabanutse aho ngo gushika ubu nko mu ruhongore kama rwa Rusizi hoba hari imvubu 320 gusa, kandi ubwoko bw’imvubu ziri muri urwo ruhongore kama ari bumwe muri bubiri busigaye kw’isi yose.

Uyo muyobozi mukuru muri OBPE, rero akamenyesha ko imvubu ari igikoko gikwiye gukingirwa kuko gifise akamaro kanini ku binyabuzima biba mu mazi nk’amafi, kuko ngo iyo iriko irasura mu mazi ituma isi yo mu mazi yihindukiza gutyo hakaba ivangwa ry’isi hamwe n’amase yayo arimwo ibifungurwa ibinyabuzima bitobito vyo mu mazi bikenera canecane nk’amafi. Kiretse ko imvubu ifise akamaro kanini ku binyabuzima vyo mu mazi, ngo ni n’igikoko gikwega ingenzi zigendera uruhongore kama rwa Rusizi bigatuma ikigega c’igihugu kibomboka.

Ivyo yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa 3 Ntwarante 2021 mu kigo OBPE i Bujumbura, anibutsa ko bibujijwe kurangurira ibikorwa muri za metero 150 zibujijwe ku kiyaga Tanganyika hamwe n’imetero 50 biyaga vyitiriwe inyoni (lacs aux oiseaux) kuko ariho imvubu zikura ivyo zifungura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764