homepagekirundi_Sports

Kwezera Rodrigue na Nitije Odile nibo batahukanye ibibanza vyambere mw’ihiganwa Run Buja

Kuri uwu wagatanu igenekerezo rya 7 Gitugutu 2023 ,niho hari hatunganijwe ihiganwa ryo kwinonora imitsi, ihiganwa ryatunganijwe n’ubuserukizi bwa Nigeria mu Burundi bufadikanije n’ishirahamwe ry’abanonotsi mu Burundi ku ncuro igira gatatu mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 63 Igihugu ca Nigeria kimaze cikukiye, ku kibuga ancien bataillon Para akaba ariho vyariko birasozerwa.

Dieudonné Kwizera arongoye ishirahamwe ry’abanonotsi mu Burundi yashimye ingene abanonotsi bavyitwayemwo neza yaboneyeho n’akaryo KO guhanura abigenjeje neza kubandanya bitegurira ihiganwa rizobera mu Bufaransa #Jeux_Olympique ryo mu mwaka wa 2024.

Abitwaye neza kuruhande rw’abagabo

1.Kwizera Rodrigue
2.Nimubona Patrick
3.Nzambimana Éric

Ku ruhande rw’abigeme

1.Nintije Odile
2.Niyonsaba Anita
3.Habonimana Dancile,akaba yirutse atabirato yambaye

Uwa mbere akaba yaronse Amafaranga angana n’umuriyoni w’amarundi(1.000.000Fbu),Uwa kabiri 750.000Fbu ,uwa gatatu 500.000Fbu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 807