homepageIKIRUNDI_newskirundi_Sports

Imyambaro y’abafana ya Lionel Messi  ni inzahabu I Paris

Mu gihe Lionel Messi yitezwe ku kibuga c’umupira w’amaguru cegukira PSG I Paris mu bufaransa kuri uyu wa gatandatu, abakunzi b’uwo mugwi ngo bariko bagura impira y’uwo mukinyi ari benshi cane muri kino gihe mu bufaransa.

Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru France 24 abishikiriza, iduka ry’uwo mugwi I paris mu bufaransa, mu mwanya nkuwo gukubita urugohe ngo bari bamaze kugurisha imipira yose bari bateguye yo kugurisha.

S’aho gusa kuko ku rubuga rugurishirizwako imyambaro ya PSG, naho nyene ku muhingamo w’uyu wa gatatu, imipira yose yari yagenewe abagabo yari mu bubiko nayo yari yamaze guhera, icari gisigaye yari imipira yari yateguriwe abagore n’abana.

Bamwe bakaba batanguye kubona ko ahubwo inyungu izohava iva mu mafaranga bariko bagurisha iyo mipira yo kwambara yanditseko numero 30, ari nayo numero azokwambara mu kibuga.

PSG muri uno mwanya muto imenyesheje ko bamaze kwegukana Lionel Messi, banungutse ababakurikirana ku mbuga ngurukanabumenyi nka Instagram barenga 5,000,000 mu masaha adashika 72.

Mwomenya ko uwo mukinyi PSG ata n’urukoroka yamuguze, kuko amasezerano yarafitanye n’umugwi Barcelona yamaze kurangira, nayo umushahara wiwe ukaba uharurwa mu mafaranga arenga imiliyoni 40 z’amafaranfa y’amanyaburaya ku  mwaka, ayo akaba arenga gato imiliyaridi 40 z’amafaranga ya hano iwacu (40,000,0000 fbu).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 822