homepagekirundiSCIENCES & TECHNOLOGIESWorld News

Imyuga 7 ishobora kuzimangana mu myaka iri imbere

Abatari bake mu baganga n’abashingwamanza mu myaka iza buca batwarwa akazi n’ama Machine, ariko kandi abakora amatara n’abakora amazi bo ngo bazokenerwa cane.

Nimba ufise akazi karuhisha kandi buri gihe kama ari kakandi nyene, hari amahiwe menshi ko ako kazi mu myaka 5 canke 10 iri imbere gashoboka gukorwa n’ama Robot noneho abantu bakaganurwa bimwe biboneka muri ubwo buzi.

Umwanditsi w’ibitabo Pulgiano yemeza ko hari imyuga imwe imwe izozimangana mu kibanza c’abantu hagatangura gukorwa ico abahinga bise Intelligence Artificielle ( IA). Muriyo hakaba harimwo imyuga abantu batociye n’ikanda.

Uwo muhinga akaba avuga imyuga 7, irimwo ubuganga avuga ko abatari bake bazohagarikwa, co kimwe n’abahinga mu gucapa amazu (Architect), kuko bizokorwa n’ama Machine.

Umwe muri iyo imyuga harimwo Ubuganga, uwo muhinga bakaba avuga ko abazohaguma ari abaganga babaga, canke abakira indembe(Urgentiste), co kimwe n’ababafasha, ariko ibibanza bimwe bimwe vyo kwa muganga ngo bizohanagurwa. Imvo ngo n’uburyo ugupima ingwara biriko bihabwa cane ama machine muri kino gihe.

Uwundi mwuga yavuze ni Ubushingwamanza( Avocats), igituma ngo nuko ibikorwa bitobito vyo muri uwo mwuga bizohabwa ama machine.

Uwundi mwuga uwo mwanditsi avuga n’umwuga w’abacapa amazu( Architect ) , aho akavuga ko ivyo bikorwa vyo gucapa amazu asanzwe mu myaka iza bizohora bikorwa n’ama machine(Algorithm). Abazorusimba ngo ni abacapa b’abahinga bamana akantu gashasha mu gucapa amazu atandukanye n’ayandi.

Umwuga w’abaraba amafaranga y’abantu (Comptable) ngo nawo uri mu yizozimangana, ariko akavuga ko abazosigara ari abahinga baraba amafaranga ari mu buryo bugoye gutora, abo bonyene ngo nibo bazosigara.

Abatwara indege z’ingwano bo ngo vyararangiye, kuko ubu hari indege zitagira abazitwara, zamaze gukorwa, zirungikwa mu bibanza biteye ubwoba banka kurungikamwo abantu. Ivyo rero ngo bikazobandanya gukomera mu gihe ingwano izobandanya ikomera.

Abo Polisi co kimwe n’abatohoza(Detective) nabo ngo bazotwarwa ibibanza n’ama machine mu myaka iza. Muri bimwe mu bihugu biteye imbere vyo bikaba vyaramaze kurangira, kuko ugucungera gusanzwe bisigaye bikorwa n’ama machine. Ariko akavuga ko bazozimangana burundu, ariko ngo abazoba bakenewe bazoba ari bake cane.

Uwundi mwuga avuga uwo muhinga, n’umwuga wo abaranga amazu( Agent Immobilier) kuko gushika ubu bamaze gutwarwa akazi n’ama Website ahuza abaguzi n’abagurisha amazu. Ariko ngo bamwe bamwe muri uwo mwuga bakaba bazobasha kuronka akaryo ko gusigara.

Naho uwo mwanditsi avuga ko hari imyuga izozimangana, hari iyindi avuga ko izoboneka cane muri ico gihe. Aho akavuga nk’inyuga y’ugukora ama Application ashirwa muri ngendanwa, abakora ama Intelligence Artificiel, co kimwe n’ama Algorithm ya Informatique akomakomeye.
Iyindi imyuga avuga ko izohabwa agaciro muri ico gihe ni nk’imyuga y’abakora amazi, n’abakora amatara.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755