BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Indirimbo nshasha za Wanajeshi buca zishirwa ahabona

Mu giteramo co kuri uyu wa mungu ntihazumvikana indirimbo za Wanajeshi za kera gusa, kuko ngo na nshasha zizumvikana kandi zitari nke.

Hampande y’igiteramo bariko barategura kuzokora, umurwi Wanajeshi Kamili umenyesha ko hari indirimbo nshasha bariko barategura gushira ahabona. Iyo ikaba atari imwe gusa, ahubwo ngo no nyinshi.

Naho hataramenyekana igitigiri c’izo indirimbo, n’igihe zizoshirirwa ahabona, ikimaze kumenyekana co nuko zimwe murizo bazoziririmba igihe bazoba baramutse bakora ico giteramo, kizoba kuri uyu wa Mungu.

Uwo murwi ngo wari ukumbuwe na benshi kuko abatari bake bari bagize igihe basaba ko wogaruka nkuko bishikirizwa na T Max. Ivyo ngo vyahavuye bikunda, inyuma yuko babanje gushaka kurangiza ibibazo bari bafise nk’umurwi. Murivyo hakaba harimwo ukutumvikana kwari hagati ya Franck na Big Fizzo.

Ico giteramo kizoba kuri uyu wa mungu igenekerezo rya 18/8 nta munyamahanga n’umwe azobavangira, naho bari bavyipfuje guhamagara umwe mu bariko bifata neza mu muziki wo muri kano karere.

Mwokwibuka ko uwo murwi umaze igihe kitari gito ataco basohora, kubera wari waratabaguritse, buri wese agakora ukwiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760