homepagekirundi

Ararahira akarengwa ko atigeze abacisha mukanwa

Naho boba aribo canke bishitse nkabaririmba suko noba nd’umwansi w’iterambere ry’Uburundi.

Ni inyuma yaho Kirikou A kili ashiriye k’umugaragaro indirimbo yiwe yise WASHA , aho biboneka ko ari indirimbo yavuzweko amajambo menshi bivanye n’ubutumwa burimwo co kimwe n’amazina yumvikanyemwo bikaba vyanatumye bamwe bibwira ibi abandi bakibwira biriya.

Aho biboneka ko aho indirimbo igiriye kumugaragaro haciye hatangura kuvugwa aya n’ayandi bamwe bati:

“Indirimbo WASHA ubutumwa burimwo bwerekeza kuri Natasha na Sat-b cokimwe na B-Face
Abandi bakagira bati ivyo ni ibinyoma kuko hariho abamye bashaka guteranya abaririmvyi”.

Mu kiganiro aheruka gukorana na INDUNDI Magazine, Kirikou A Kili yishuye bimwe mubibazo bamwe mu bakunzi b’umuziki bagiye baribaza banabaza mu biganiro bitandukanye.

Yagize ati : “Jewe Nta Sat-b nta Natacha canke B-Face nigeze mvuga, ahubwo jewe navugiye muri rusangi abiyita ivyo batari bamwe bakiyita za Simba kandi ari Inkoko hakaba n’abandi biyita Passport bakibagira ko habaho na Visa. Aho rero uwumva ko namuvuze n’uko we nyene ubwiwe atemera ico ari canke ico yiyitirira”.

Aho Kirikou yabandanije agira ati:
“Kandi nubwo vyoshika akaba aribo navuze naho……; ariko sibo navuze; bishitse nkabaririmba; suko noba nd’umwansi w’iterambere ry’umuziki wabo canke w’umuziki w’Uburundi ahubwo ni ya Challenge yamaho mu muziki kandi nkashima n’uko hoba hariho abobitahura mubo novugamwo bakamenya ko atarwanko rurimwo”.

Ivyo bibaye mugihe Kirikou cokimwe n’abatwara inzu ya Bantu Bwoy bemeza ko uwo muririmvyi Kirikou aka ariko karyo kiwe ko kugira bamusohorere indirimbo nyinshi kandi mu mwanya mwiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755