BDUSAhomepageIndundi CinemakirundiMoviesRurebeyavideos

Igice ca gatatu c’ireresi “kijiji cha uchawi” buca gishirwa ahabona

Inyuma y’aho igice ca mbere n’icakabiri vy’ireresi yabatijwe “Kijiji cha uchawi” bishiriwe ahabona, abari bamaze imisi basaba igice gikurikira ngo bagiye kukironswa mu misi ya vuba.

Aganira na indundi, Gad Ahishakiye asanzwe ayoboye umugwi ubica bigacika mu gukina amareresi hamwe n’udukino dutwenza wo ku murwa mukuru w’intara ya Rumonge “The Kings club” yamenyesheje ko mu misi ya vuba neza na neza kw’igenekerezo rya 5 Nzero umwaka buca dutangura we hamwe n’umurwi arongoye bazoshira ahabona igice ca gatatu c’iyo reresi.

Nk’uko bakunze kubikora, ishirwa ahabona ry’iyo reresi rngo rizobera ku bunywero “Tujajure” busanzwe buri aho nyene mu Rumonge, ibirori bikaba bitegekanije kuzotangura igihe c’isaha icumi z’umuhingamo (16h00) gushika buce. aho kwinjira ngo bazorihisaha amafaranga y’amarundi 1500 ku muntu, nayo uwuzoba yipfuza kubafata mu mugongo atumirirwa kuzogura DVD yabo imwe ku mafaranga ibihumbi bitatu gutyo ace yinjira atayandi mafaranga arishe.

Eka ntibibagiye gutumira abaririmvyi batandukanye bazobafasha guteramisha abantu, aha twovuga nka Msamaria Danielo, Methou-Brawn, Famous, Tigger Briiz, DYD, Pablo-Moe, Akaruru, Fen-g, Pajos-Derulo, Ray Nova, William, Mk kibase n’abandi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 758