homepagekirundi

Diaspora| Don Brighter ku rutonde rw’abazokwitoza guserukira ishirahamwe BAHO

Umuririmvyi w’Umurundi aba mu mahanga amenyesha ko yiteguriye kwitoza mu kibanza c’ukurongora ishirahamwe ry’abarundi baba muri Arizona BAHO (Burundian-American Heritage Organisation).

Mu gihe kuri uyu w’Imana uza igenekerezo rya 28 Ndamukiza umwaka w’2019 abarundi baba muri Reta zunze ubumwe za Amerika neza na neza muri Reta ya Arizona biteguriye amatora y’ugusubiriza indongozi bahorana mw’ishirahamwe ryabo BAHO, abatari bake bamaze gushikiriza ko bazokwitoza muri ico kibanza.

Muri abo harimwo umuririmvyi asanzwe aba muri icogihugu Don Brighter. Aganira n’ikinyamakuru Indundi, Don Brighter yashikirije y’uko yiteguye kuzokwitoza muri ico kibanza kandi ko afise icizere c’uko ashobora gutsinda amatora.

Ishirahamwe BAHO (Burundian-American Heritage Organisation) rikaba gushika ubu ryari rirongowe na Samuel Ndayiragije yarangije ikiringo ciwe. Ayo matora akaba ategekanijwe kuzoba hirya y’ejo kuw’Imana mu kibanza 7321 N 10th St. i Phoenix muri Arizona igihe c’isaha icenda z’umuhingamo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755