homepageIndundi CinemakirundiMovies

Ibrahim Ic’Uburundi : “Aho ngeze ubu sinanzi ko nzohashika”.

Ngitangura wamengo ndiko ndafyina ubu ndamaze kubona ivyamwa.

 

Ni Ibrahim Ismail azwi kw’izina ry’ubuhizi “Ic’Uburundi”, umwe mubarundi bariko baritwara neza mu bikorwa vy’ugukina amareresi haba hano iwacu ndetse no mu bihugu dusangiye umuryango wa Afrika y’ubuseruko.

Aganira na Indundi Magazine, Ibrahim Ismail aratuyagira ingene yatanguye gukina amareresi n’aho ageze gushika uwu musi.

Yagize ati : “Ku mazina y’ukuri nitwa Ibrahim Ismael Manirambona nkaba nabonye izuba kw’igenekerezo rya 6 kigarama umwaka w’1991 mvukira muri zone Kinama, karitiye ya Gitega ibarabara ry’11 inomero 48.

Amashure make nize nayarangije mu mwaka w’2015. Ibijanye n’ugukina amareresi vyo nari nabitanguye nkiri ku ntebe y’ishure mu mwaka w’2008 aho nari narashinze umugwi nise Mwanga la sanaa wari ufise icicaro muri zone ya Kanyosha.

Ireresi yacu ya mbere tukaba twayishize ahabona mu mwaka w’2009 ikaba yitwa SIDRA, tukaba ari twebwe nyene twifatira amasanamu tukongera tuyakora, niho mu mwaka w’2010 twafatana na Wise Pro duca dukora ireresi ya kabiri twise WIFE OF MY LIFE.

Abarundi ndetse n’abo hanze y’igihugu barakunze cane iyo reresi tuca tubona ko twoguma tubanezereza mu gukora ibindi bikorwa vyiza gusumba ivyo twahejeje, niho tudatevye muri uwo mwaka nyene twaca dukora iyindi reresi twise CLODIA na Question House turikumwe n’umuririmvyikazi Shanny Queen.

Ibikorwa vyacu tumaze kubona ko biriko birakundwa, twahavuye dutangura kurondera abakinyi b’ibihangange mu bihugu duhana imbibe kugira dukorane niho mu mwaka w’2017 twasimbira mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya dukorana ireresi nabo mu mugwi Bongo Movie, ireresi yabiciye bigacika twabatije NAJUTA SHAMSA”.

Bwana Ic’Uburundi amenyesha ko gushika ubu ariko arategura ireresi zibiri yipfuza kuzokorana n’abandi bakinyi bo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko bamaze kwandikisha izina mu gukina amareresi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756