homepagekirundi

KIDUMU araterwa ivyatsi n’abaririmvyi bagenziwe ku majambo yashikirije

Inyuma y’amajambo Kidumu aheruka gushikiriza abicishije ku nsamirizi imwe isamiranira aha mu gisagara ca Bujumbura aho yavuze ko umuziki w’Uburundi utaratangura nokugira bimwe bita “Dede” ku bana bamaze amezi make bavutse , abaririmvyi baginziwe bagize ico bashikiriza kuri ayo majambo y’inararibonye mu muziki ndundi.

Amajambo KIDUMU yashikiririje kw’iyo samirinzi abenshi ntibariko bayakira co kimwe nacane cane kubasazwe bakora umuziki n’abakunzi bawo ndetse n’abamenyeshamakuru batandukanye. Inkwezi y’ivyo vyose n’uko hari hatunganyijwe gutanga ubushimwe ku baririmvyi,
abahinyanyuzi, aba Promoter n’abandi bakoze neza mu mwaka w’2018 mu bice bitandukanye bijanye n’umuziki.

Ni agashimwe kitiriwe “Burundi Talent” ihiganwa ryagiye ryiyamirizwa n’abatari bake baribasazwe batumiwemwo abandi barivuguruza bitangura guhindura izina bamwe bavyita uko bashatse iryavuzwe cane nka “Challenge”.

Ariko uko gutanga ubushimwe bikaba vyarabaye ndetse n’abaririmvyi nka Kidumu, Big Fizzo , Sat-B, Mb Data, Double Jay ,B Face n’abandi batandukanye bararonka ubushimwe bugizwe n’amashurwi, Certificat hamwe n’umudari ibitashimishije beshi, aho babibona nko gusa n’ugusubiza umuziki inyuma barondera inyungu zabamwe bamwe.

Romeo ININAHAZWE ati : ”Sinumva ukuntu Kidumu afata indege akariha itike aje  guhabwa umudari wa 2000 na gashurwi ,niyaba abona kwariyo nzira yatoye ngo ateze umuziki imbere nabirekere aho, Diamond yomuha icubahiro gute atora ubushimwe nk’ubwo? Narumvise ko hari 36millions Kidumu natubwire ico bazikoreshe nimba ariyonzira yukuza araponda umuziki ndundi ngo nikubera amahera bamuhaye nabihagarikire aho”.

Ayo ni amwe mu majambo yashikirije kw’isamirizi Buja Fm.Inyuma yukwandika kurubuga rwiwe

Mwomenya ko ico kiganiro cari cahuriyemwo n’umuririmvyi Romeo ININAHAZWE hamwe n’abamenyeshamakuru Alain Nova na Landry.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 739